Zelensky: Umukuru w'igihugu w'umunyarwenya yerekanye ko ashoboye guhangana n'ibikomeye

    • Umwanditsi, Na Stephen Mulvey
    • Igikorwa, BBC News

Umukuru w'igihugu ca Ukraine, Volodymyr Zelensky, umunyarwenya atari afise uburambe na buto mu vya poritike igihe atorwa mu myaka idashika itatu iheze, yabonetse ko ari inserukarukamvye.

Yashoboye gushira hamwe igihugu cose mu majambo yiwe n'amavidewo yifata, yongera yerekana uburakari bw'abanya Ukraine mbere yerekana ko adatinya urukamvye imbere y'abarusiya bateye igihugu ciwe.

Mu gihe Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya abandanya ashikiriza amajambo atumvikana - mu kwagiriza Ukraine ko iriko ikora "ihonyabwoko" mu turere twiyonkoye twa Donetsk na Luhansk, yongera avuga kandi ko akeneye "gusambura ubutegetsi bwa'aba Nazi" muri iki gihugu - Perezida Zelensky wewe, akaba ari uwo mu muryango w'abayahudi uvuga ikirusiya, abandanya yerekana ko ari umutegetsi yiyubaha, atagugumwa kandi w'ijunja n'ijambo.

Aya majambo ashikiriza yerekanye uruhande abamunegura - harimwo mbere igice kinini c'incabwenge - batahora bamubonamwo.

Igihe gikomeye c'ihinduka ry'uyu mutegetsi yaboneka ko atazi iyo aja yavuye mu matora, rimwe na rimwe yaboneka ko ibintu bimurengeye, ariko mu nyuma akaza kuboneka nk'umutegetsi akomeye mu masaha ya mbere yo ku musi wa kane, hasigaye amasaha makeya ngo Uburusiya butere igihugu. Mw'ijambo ririmwo ubwitonzi yacishije ku mbuga hwaniro, aho igice kinini yarivuze mu kirusiya, yavuze ko yagerageje kuvugana na Vladimir Putin amusaba ko yokwirinda intambara ariko akamwihoza.

Ari imbere y'ikarata ya Ukraine, yavuze ati ibi bihugu bibiri ntivyari bikeneye intambara , "yaba intambara y'ukwikkekana (Guerre froide/Cold War), yaba intambara yeruye". Ariko yongeyeko y'uko mu gihe abanya Ukraine boramuka batewe bazotegerezwa kwivuna. "Ni wadutera uzotubona mu maso - ntuzotubona imigongo, ariko uzotubona mu maso".

Haciye akanya gato, ng'ico igitero kiratanguye, mu majambo yashikirije inyuma y'aho, ku murango, yari yambaye impuzu za gisirikare, agomba kwerekana urugamba igihugu ciwe cinjiyemwo, agereranya n'intambara hagati ya Dawudi na Goriyati. Ku mugoroba w'uwo musi yashikirije irindi jambo, agabisha abategetsi b'ibihugu vyo mu burengero ko mu gihe batomufasha, ejo bashobora kwisanga "intambara iriko iradodora ku myango yabo".

Yulia McGuffie, umukuru w'ikinyamakuru gikorere ku mbuga ngurukanabumenyi Novoye Vremya, avuga ko yababaye cane igihe Zelenksy atorwa kuba umukuru w'igihugu mu kwa kane 2019, kubera atari yizeye ko afise ubushobozi bwo kurongora igihugu.

Ariko, avuga ko muri izi ndwi nkeya ziheze abanya Ukraine bafashe mu mugongo vuba vuba umukuru w'igihugu cabo.

"Nibaza ko yagiye kwubahwa no gushigikirwa inyuma y'aho Uburusiya butanguriye iyi ntambara - abanya Ukraine bose bishize hamwe na Zelensky. Ariko arashira hamwe igihugu cose kandi novuga ko atera intege igihugu cose cane cane mu kubabera akarorero we nyene. Arongoye reta iriko iranwanya igisirikare ca Putin, kandi kubera ico n'ukuri benshi cane baramukunda kandi baramwubaha".

Zelensky yinjiye ku rubuga rwa poritike nk'ibikino. Yagiye kumenyekana cane mu gikino Servant of the People (twogereranya na 'Umusuku w'abanyagihugu') cacishwa ku mboneshakure, aho yakinye nk'umwigisha yahindutse akaba umukuru w'igihugu inyuma y'aho umunyeshure acishije ku mbuga hwaniro ireresi yiwe imwerekana yiyamiriza igiturire muri poritike.

Igihe atangarije ko agiye kwiyamamariza kurongora igihugu, benshi babona ko ariko arafyinata - umugambwe wiwe yawise Servant of the People. Ariko yahavuye atahukana intsinzi mu matora ku majwi 73%, yemerera abanyagihugu ko agiye gutuza igiturire yongere agarukane amahoro mu buseruko bw'igihugu.

Igihe yariko ariyamamaza, Zelensky yari ashigikiwe n'umutunzi ruhebwa Ihor Kolomoisky, ivyatumye abatari bake bagira ubwoba ko yashobora kuba umutegetsi w'icitso, agendera mu kwaha kw'umuntu Amerika iriko ikorako amatohoza ya magendo n'ubusuma.

Ariko rero, yahavuye yiyerekana ko adatamikwa ijambo gusumba uko abamunegura bamwibazako, aho nk'akarorero yanse gushira mu minwe y'abigenga ibanki PrivatBank ari nayo nini cane muri Ukraine, ikaba yahoze iri mu minwe ya Kolomoisky imbere y'uko ishirwa mu minwe ya reta;.

Ku rundi ruhande, igiturire kirabandanya ata camira muri Ukraine. Ibirego vyo kurya igiturire vyagirizwa umukeba mukuru wa Zelensky, Petro Poroshenko, ari na we yari umukuru w'igihugu imbere yiwe, bibonwa n'abategetsi bamwe bamwe bo mu bihugu vy'uburengero ko bishingiye ku mvo za poritike.

Utwigoro twa Zelensky two gusubira kuganira n'Uburusiya kugira ngo batorere umuti intambara yo mu buseruko imaze guhitana abantu barenga 14.000, na two nyene nta kintu kinini twashitseko. Harabaye uguhanahana impfungwa n'ukugerageza gushira mu ngiro bimwe mu biri mu masezerano y'amahoro azwi nk'amasezerano ya Minsk, ariko nta muti wabonetse. Mu mwaka wa 2020 wose, ibitigiri vy'abamushigikiye vyabandanije bikoroka cane.

Zelensky kandi yahavuye atangaza ashimitse ko yipfuza kwinjira mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya hamwe no mw'ishirahamwe rya gisirikare ryo kwivunira umwansi hamwe, OTAN/NATO, ingingo yaboneka ko yategerezwa gutera uburakari Uburusiya.

Ariko Yaryna Klyuchkovska avuga ko imvugo ya Zelensky ku bijanye n'intambara yo mu buseruko n'imigenderanire n'Uburusaiya yabandanije kubamwo ubwoba ku banya Ukraine, gushika mu misi iheze.

Mu gihe hariko haravugwa cane ivy'intambara, yatangaje umusi w'amahoro, abandanya yerekana icizere ko ikibazo cari gushobora gutorerwa umuti biciye mu biganiro n'aho Ukraine yagumye yerekana ko ibikorwa vyo guhonyanga amasezerano yo guhagarika intambara ku rubuga vyiyongereye.

Klyuchkovska ati: "Yarakwepa ibijanye n'intambara, ikintu cose kijanye n'ivya gisirikare. Cari ikintu atiyumvamwo kandi ntiyashaka kwinjira mu majambo yariko aravugwa ku bijanye nayo".

Yararwanije kandi n'amajambo yo kugabisha yama ariko aravugwa na Amerika hamwe n'ibindi bihugu vyo mu Burengero ku bijanye n'igitero c'Uburusiya, aho yavuga ko imvugo ya Amerika yari iyo "gukwegera akarambaraye Ukraine".

Klyuchkovska avuga ko Zelensky yagiye guhindura imvugo mw'ijambo yashikirije mu nama y'umutekano yabereye i Munich ku wa gatandatu 19 ruhuhuma.

Yavuze ati: "Iyo ikirombora c'ibombe kiguye mu kibuga c'ishure, abana baribaza ikibazo: 'Ubwo isi yoba yaribagiye amakosa yo mu kinjana nca 20'?"

Yabwiye abari muri iyo nama, barimwo incabwenge za gisirikare na diplomasi, ati: "Kwigira sindabibazwa uba wifatanije n'umwansi". Yabibukije ingene Vladimir Putin yagararije integuro ya Amerika y'ukungene isi yotwarwa, hari mu nama nk'iyo nyene, mu myaka 15 irangiye, anatangaza ko Uburusiya bwariko burisubiza itoto. "Isi yavyifashemwo gute? Yarinumiye".

Klyuchkovska avuga ko ata mutegetsi n'umwe wa Ukraine yaribwo abwire amajambo akomeye nk'aya mu buryo bweruye abategetsi b'Uburengero imbere y'aha.

Yulia McGuffie ati: "Ku bwanje, igihe c'iteka kuri Zelensky caje inyuma y'ijambo rikomeye yavugiye mu nama y'umutekano i Munich. Nico gihe abakeba benshi ba Zelensky muri Ukraine baciye babona ko iki gihe atari igihe co kuryana no guterana amajambo".

Inzego zijejwe igendereza zo mu bihugu vy'uburengero zivuga ko izina rya Zelensky ari ryo riza ubwa mbere ku rutonde rw'abantu ingabo z'Uburusiya zirondera kwica. Avuga ko umuryango wiwe uza ubwa kabiri kuri urwo rutonde, ariko ko we n'abiwe baguma muri Ukraine.

Mu kwerekana ko ariho akiri, yabicishije mu mareresi yifashe ari hanze y'inyubakwa y'ibiro vy'umukuru w'igihugu hamwe no ku nyubakwa ikomeye izwi nka Chimeras iri iruhande yayo.

Ukraine iracahanganye n'ibibazo bitoroshe. Igitero c'ingabo z'Uburusiya kirakomeye kandi kirimwo ibirwanisho vya rutura. Ariko uyu mutegetsi w'imyaka 44 akiri mushaska ku rubuga rwa poritike, yashoboye kuronka ijwi ryateye intege igihugu cose.

McGuffi ati: "Umwe mu bagenzi pfa mpfe banje yanditse ati, 'Zelensky yakuze mu buryo giturumbuka'. Kandi ibi birerekana uw'ari we muri kino gihe vy'ukuri".