US: Biden yagenye umwiraburekazi wa mbere, Ketanji Brown Jackson, muri Sentare nkuru y'igihugu

Perezida Joe Biden yagenye Umucamanza Ketanji Brown Jackson muri Sentare nkuru y'igihugu, aho avuga ko ari "umwe mu banyamategeko b'ncabwenge zikomeye mu gihugu".

Niwe agiye kuba umugore wa mbere w'umwirabure agenywe muri ino sentare imaze imyaka 233 mu gihe yokwemezwa.

Ashobora gusubirira uwigenga ari muri iyo sentare Stephen Breyer mu gihe azoba akukurutse ikiringo ciwe kirangiye mu kwa gatandatu.

Umupfasoni Jackson, umucamanza w'igihugu mu gisata c'iyungururizo, avuga ko "yakiranye n'icubahiro cinshi iri teka ridasanzwe" ryo kugenwa muri iki kibanza.

Igihe atangaza igenwa ryiwe ejo ku wa gatanu, Perezida Biden yavuze ko umucamanza Jackson ari umuntu "adasanzwe, adatamikwa ijambo kandi w'inyankamugayo igendera ubuntu".

Mu gihe imigambwe ibiri igize inama nkenguzamateka ifise 50-50 vy'abakenguzamateka, aba Démocrates bafise amajwi akwiye yo kwemeza igenwa ryiwe mu gihe bomushigikira bose. Icegera c'umukuru w'igihugu Kamala Harris ni we afise ijwi kamarampaka iyo vyanse ko impande zompi zumvikana.

Sentare nkuru y'igihugu ifise uruhara rukomeye mu buzima bwa Amerika kandi akenshi niyo ifise ijambo rya nyuma iyo hari amategeko ateye impari, mu mpari hagati y'amareta y'intara na reta nkuru y'igihugu, ikaba kandi ari yo ifise uburenganzira bwo guhagarika ingingo yafashwe mu rubanza n'ayandi masentare.

Mu bijanye no kugena umuntu uwo ari we wese muri Sentare nkuru y'igihugu, umukuru w'igihugu ubwa mbere aragena uwo yipfuza hanyuma inama nkenguzamateka igatora kugira yemeze uwagenywe, akemezwa ku bice birenga 50 kw'ijana.

Umukuru w'umurwi nyarwinshi mu nama nkenguzamateka Chuck Schumer avuga ko komite y'ubutungane mu nama nkenguzamateka igiye gutangura kwumviriza uyu yagenwe "mu ndwi ziri imbere".

Umupfasoni Jackson w'imyaka 51 muri kino gihe asanzwe akora muri sentare y'iyungururizo. Batatu mu bagize sentare nkuru y'igihugu muri kino gihe barakoze muri iyo sentare.

Hari haciye imyaka ibiri Perezida Biden atangaje ubwa mbere ko yipfuza kugena umwiraburekazi muri iyi sentare nkuru, hari igihe yariko yiyamamariza guserukira umugambwe w'aba Démocrates mu matora y'umukuru w'igihugu aheruka.

Mu gisata c'ubutungane mu gihugu, abagore bari ku rugero rwa 3%, nk'uko vyerekanwa n'ikigo Federal Judicial Center, ishami ry'iyi sentare rijejwe ubushakashatsi.

Igenwa ry'umupfasoni Jackson ntirisanzwe ku mvo zirenga imwe. Mu gihe yokwemezwa, bazoba babaye abagore bane muri iyo sentare igizwe n'abantu icenda, ni bwo buzoba bubaye ubwa mbere.

Biden ati: "Kuva kera, reta yacu, sentare yacu ntiyari bwigere iboneka nk'inyamerika koko. Ubu ndemeza ko hageze ko tugira sentare yerekana ubushobozi n'inguvu z'igihugu cacu".

Gushika ubu, hari hamaze kugenwa abirabure babiri gusa muri Sentare nkuru y'igihugu ya Amerika. Umunyamategeko Thurgood Marshall yagenywe na Perezida Lyndon Johnson mu 1967, nayo umunyamategeko Clarence Thomas, mbere akiri muri iyi sentare, akaba yari yagenywe na Perezida George H W Bush mu 1994.

Umupfasoni Jackson yavukiye i Washington, DC ariko akurira i Miami.

Mu gihe agenwa muri sentare y'iyungururizo mu 2021, yavuze ko yabikesha ivyo yakoreye abanyagihugu, aho yafashe ingingo yo kurwanira agateka k'abanyagihugu.

Abavyeyi biwe bompi bahejeje amashure kaminuza muri kahise yegukira abirabure bakaba batanguye gukora nk'abigisha, nayo musazawe akaba yari umupolisi yakora mu gisirikare.

Igihe umupfasoni Jackson yari akiri umwana, se wiwe yaragiye kwiga kw'ishure ry'amategeko. Ati: "Bimwe mu vyo nibuka nkiri umwana, ndibuka ingene papa yahora yicara ku meza yo mu gikoni, asoma ibitabo vyiwe vy'amategeko".

Umupfasoni Jackson asanzwe azinanye n'uwo azosubirira. Yarabaye umwanditsi wa Breyer mu kiringo ca 1999-2000 ari muri Sentare nkuru y'igihugu.

Ejo ku wa gatanu, yarakengurukiye uyu yahoze ari umukoresha wiwe ku "bugwaneza, ubwitonzi n'umutima mwiza wiwe" vyamuranga.

Ati: "Nyakwubahwa Breyer, abagize inama nkenguzamateka bazofata ingingo yo kwemeza nimba nkwiye kwicara mu kibanza cawe, ariko, ndipfuza ko umenya y'uko ntashobora na gato kwigereranya na wewe".

Mu 2012, umukuru w'igihugu w'ico gihe Barack Obama yagenye umupfasoni Jakcson nk'umucamanza w'akarere muri sentare ya Washington, DC.

Mu myaka umunani yamaze muri iyo sentare y'akarere, yaranditse ivyiyumviro birenga 500. Muri vyo, yarategetse ko Donald F McGhan II yahoze ari umuhanuzi wa Perezida Donald Trump yategerezwa kurengutswa imbere y'umurwi w'amatohoza ku bijanye no kwivanga kw'Uburusiya mu matora ya Amerika.

Mu 2019 yanditse ati: "Abaperezida si abami".

Umugabo wa Jackson ni umuganga w'umuhinga mu kubaga, akaba afise abana babiri.

Mu gihe igenwa ryiwe ryashimagijwe cane n'abo mu mugambwe w'aba Démocrates, abakenguzamateka babiri bo muri Caroline du Sud/South Carolina bo mu mugambwe w'aba Repubulika - Lindsey Graham na Tim Scott - baneguye umukuru w'igihugu kubona yagenywe umupfasoni Jackson aho kugena Michelle Childs - na we nyene w'umwiraburekazi, asanzwe ari umucamanza mu ntara yabo.

Uumcamanza Childs na we nyene avugwa ko yari ku rutonde rw'abashobora kugenwa na Perezida Biden.