Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi-Bujumbura: Amapikipiki, amakinga n'ama-tuktuk bigiye gukumirwa gusumba
Abagendesha amapikipiki, amakinga n'ama-tuktuk/bajaj bavuga ko bagiye gukora bahomba, ni inyuma y'aho umushikiranganji w'intwaro yo hagati, umutekano n'iterambere rusangi yaraye atangaje ingingo yo kugabanya uturere abagendesha ibi vyuma bahora bashikamwo mu gisagara ca Bujumbura.
Jadot Nzitunga arongoye ishirahamwe AMOTABU ry'abagendesha amapikipiki, avuga ko izi ngingo zizogira ingaruka ku bantu benshi, baba abasanzwe bakoresha ibi vyuma canke mbere n'abanyagihugu bahora bavyikorako.
Nzitunga yabwiye BBC ati: "Kizoba ikibazo, kuko ibi vyuma vyafasha abantu benshi, uri abajana abana ku mashure, abaja n'abava ku masoko atandukanye, abagiye ku bitaro n'amavuriro yo muri aya ma karitiye, n'abandi".
Mu gihe kuva mu 2016 abunguruza abantu bakoresheje ibi vyuma batari bemerewe gushika muri komine Mukaza iri hagati na hagati mu gisagara ca Bujumbura, ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwabigije inyuma gusumba, ingingo izotangura kuja mu ngiro kuva ku wa 11 za Ntwarante/Werurwe (ukwezi kwagatatu).
Mu nama yagiranye n'abarongoye abandi hamwe n'abajejwe uruja n'uruza mu mabarabara ku wa gatatu igenekerezo rya 24 Ruhuhuma/Gashyantare (ukwa kabiri) 2022, umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yategetse ko kuva iryo genekerezo abagendesha ibi vyuma batemerewe kurengana imirongo mishasha yabaciriye.
Abajejwe intwaro bahawe indwi zibiri gusa, ni ukuvuga guhera kuri uyu musi gushika ku wa 10 Ntwarante (ukwa gatatu) zo gusigurira abanyagihugu izi ngingo.
Iyi ngingo ivuga ko ata cuma na kimwe muri ivyo, kiretse amapikipiki y'igipolisi n'ayafise imparati ya reta gusa, cemerewe kuboneka muri aka karere gashasha kashinzwe.
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, umutekano n'iterambere buvuga ko izi ngingo zifashwe kubera amasanganya yo mw'ibarabara yabaye ndanse atewe "n'amapikipiki, ama-tuktuk n'amakinga mu gisagara ca Bujumbura".
Umushikiranganji Ndirakobuca ati: "Iyi ni ingingo 'technique' izodufasha mu mutekano, uruja n'uruza mu gisagara ca Bujumbura".
"Urarura mugabo uranyobwa kandi umuntu arawumira ugashikayo".
Uwurongoye ishirahamwe AMOTABU avuga ko batarasigurirwa ibijanye n'izi ngingo ariko akavuga ko zije kutorosha ibintu mu gihe ahubwo bari biteze ko ingingo isanzwe ihari yababuza kwinjira mu gisagara hagati ko itezurwa.
Ati: "Ndetse twari dufise icizere tuzi y'uko ubu amahoro n'umutekano vyagarutse ko bari bagiye kutwongerera n'aho tutari dusanzwe dushika".
Abona ko abantu batari bake badafise amikoro bashobora gutakaza akazi kuko iyi ngingo izotuma baheba kuko bazokora bahomba.
Ati: "Aya makinga, amapikipiki n'ama bajaj yari ahaye akazi abantu benshi na rirya akazi atari ikirenga cane mu Burundi. Rero yafasha, baba abahejeje amashure canke abatashoboye kuyamara kugira ngo bashobore kuronka ico bafungurira umuryango".
Nzitunga agereranya ko mu gisagara ca Bujumbura hari amapikipiki ari hagati ya 4000 na 5000 yunguruza abantu, amakinga arenga 10000 hamwe n'aba bajaj aharurwa mu 2000.
Bujumbura igizwe n'amakomine y'igisagara atatu: mu buraruko hari komine Ntahangwa, hagati hari komine Mukaza, hanyuma mu bumanuko hakaba komine Muha.
Imbere y'uko iyi ngingo ija mu ngiro, abagendesha ibi vyuma bunguruza abantu ahanini bari basanzwe bemerewe gukorera mu makomine ya Ntahangwa na Muha gusa, igice kinini ca komine Mukaza hagati na hagati mu gisagara ntibari barekuriwe kugishikamwo.