Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Covid-19: 83% vy'abanye-Afrika ntibararonswa urukingo rwa mbere - OMS
Umukuru w'ishami rya ONU rijejwe amagara kw'isi, OMS, Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus, avuga ko abanye-Afrika 83% batararonswa urukingo rwa mbere rwa Covid-19.
Ivyo yabishikirije mu buryo bw'iyakure mu nama yabereye ku murwa mukuru wa Nigeria Abuja.
Hari ku munsi hibukwa umwaka uheze Afrika ironkejwe inkingo za mbere za Covid muri wa mugambi wa Covax.
Covax ni umugambi mpuzamakungu ugamije kuronsa bose ku buryo bungana inkingo za Covid.
Dr Tedros yavuze ko uwo mugambi wadindijwe cane n'ivyo yise "ukwigungirako urukingo ku rwego rw'ibihugu".
Ngo vyatewe kandi n'amashirahamwe ahingura imiti, yashira imbere ibihugu vyifise mu gutanga izo nkingo.