Ukraine: Boris Johnson avuga ko Russia itegura intambara itari bwigere ibaho i Bulaya kuva 1945

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson yabwiye BBC ko amatohoza yerekana ko Uburusiya butegura "intambara nini itari bwigere ibaho kuba mu 1945".

Mu kiganiro na BBC, yavuze ati: "Ibimenyetso vyose vyerekana ko iyi nteguro mu bisanzwe yamaze gutangura".

Umushikiranganji Johnson avuga ko amatohoza yerekana ko Uburusiya butegura igitero co kugota umugwa mukuru Kyiv.

Avuga ati: "Abantu bategerezwa kumenya ingaruka zikomeye ibi bishobora kugira ku buzima bwa kiremwamuntu".

Uyu mushikiranganji yavugiye ibi i Munich mu Budagi, aho abategetsi b'ibihugu vy'ibihangange kw'isi bari bakoraniye mu nama yo kwihweza ibijanye n'umutekano.

Ibiharuro vya nyuma bitangwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika bivuga ko ingabo z'Uburusiya ziri hagati ya 169.000 na 190.000 ubu zegeranirijwe ku mbibe Ukraine ihana n'Uburusiya hamwe n'igihugu kibanyi ca Biélorussie/ Belarus - ariko ibi bitigiri birimwo n'inyeshamba zirwanira mu buseruko bwa Ukraine.

Abategetsi b'ibihugu vyo mu Burengero baherutse kugabisha ko Uburusiya bushobora kuba buriko burategura igitero umwanya uwo ari wo wose, ariko Uburusiya burahakana ibi, bukavuga ko ingabo zabwo ziri mu myimenyerezo ya gisirikare muri ako karere.

Abajijwe nimba igitero c'Uburusiya coba kikiri hafi nk'uko bakunze kubivuga, Boris Johnson yishuye ati: "Mfise ubwoba ko ibi vyemezo ari co vyerekana, aha nta gushikuza.

"Ikiriho ni uko ibimenyetso vyose vyerekana ko iyi nteguro mu bisanzwe yamaze gutangura".

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza avuga ko Perezida Joe Biden wa Amerika yabwiye abategetsi b'Uburengero ko amatohoza yerekana ko ingabo z'Uburusiya ata mugambi zifise wo kwinjira muri Ukraine ziciye mu ntara ya Donbas iri mu buseruko, ahubwo ko zizomanuka ziciye muri Biélorussie/Belarus zice zigota umugwa mukuru Kyiv.

"Mfise ubwoba ko integuro tubona ishobora kuba ari ikintu c'intambara nini itari bwigere ibaho i Bulaya kuva mu 1945 uravye gusa ingene izoba imeze".

Yongerako y'uko, uretse abanya Ukraine bazohasiga ubuzima, abantu bategerezwa kumenya ko "n'urwaruka rw'Uburusiya" ruzohatikirira.

Umushikiranganji Johnson yavuze ibi inyuma y'umubonano yagiriraniye n'umukuru w'igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky, aca abwira abategetsi b'ibihugu vya rutura bari aho ko igitero ico ari co cose Uburusiya bwokora kuri Ukraine "cogira ingaruka kw'isi yose".