Mali: Macron yatangaje ivanwa ry'ingabo inyuma y'imyaka icenda muri ico gihugu

Ubufaransa n'ibihugu bifatanije mu ngabo za Buraya bigiye kuvana ingabo zavyo muri Mali inyuma y'imyaka hafi cumi, nk'uko vyatangajwe na prezida Emmanuel Macron.

Izo ngabo zari zimaze iyo myaka ziri mu rugamba rwo kurwanya intagondwa z'aba Islam muri ico gihugu kuva mu 2013.

Prezida Macron yavuze ko ingingo yo kuva muri ico gihugu yatewe n'itituka ry'imigenderanire, mu gihe akagawi k'abasirikare bafashe ubutegetsi muri Mali kabandanya kugaragaza ko katerekwa Ubufaransa.

Izo ngabo zica zirungikwa mu bindi bihugu vy'ako karere ka Sahel.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Paris ku wa kane, prezida Macron yavuze ati:

"Ntidushobora kubandanya turi mu bikorwa vya gisirikare dukorana n'abantu bihariye ubutegetsi, bafise imikenyuro n'imigambi yinyegeje tutemera".

Yahakanye ibivugwa ko kuva muri Mali ari ukwemera ko bananiwe aca ashimika avuga ko Ubufaransa buzoguma mu gikorwa co kurwanya ibikorwa vy'intagondwa z'aba Islam muri ako karere.

Yamenyesheje ko igihugu ca Niger cemeye kwakira zimwe muri izo ngabo zizoba zikuwe muri Mali.

Yavuze ati: "Ubufaransa bwagize uruhara rwo guhuriza hamwe inguvu muri ico gikorwa mpuzamakungu co gufasha Sahel.

"Tuzobandanya urwo ruhara rwo guhuriza hamwe".

Igikorwa co kuvanayo izo ngabo, gitegekanijwe kumara ikiringo kiri hagati y'amezi ane n'amezi atandatu, catangajwe inyuma y'inama y'abategetsi ba Buraya na Afrika ku biro vy'umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, Champs Élysée, ku wa gatatu mw'ijoro.

Mw'itangazo ryasohotse kuri uyu wa kane mu gitondo, ibihugu bifise uruhara mu mugwi wa Tabuka urongowe n'Ubufaransa rivuga ko bumvikanye ko gushika mu kwezi kwa gatandatu hazoba hashizweho imigambi yo kuguma bafasha muri ako karere, na cane cane muri Niger no mu bihugu vy'ikigobe ca Guinee.

Hafi ingabo 5.000 z'abafaransa ziri mu butumwa bwo kurwanya intangondwa z'aba Islam muri Sahel mu gikorwa kizwi nka Barkhane, izishika 2.400 zikaba ziri mu makambi atatu mu buraruko bwa Mali.

Iyo karata iri aho munsi irerekana akarere ka Sahel n'ibihugu karimwo

Ariko imigenderanire y'Ubufaransa na Mali, kimwe mu bihugu bikenye cane kw'isi, yaratitutse cane muri iyi minsi kuva igisirikare gifashe igihugu mw'itembagazwa ry'unbutegetsi ryabaye mu kwezi kw'umunani mu 2020.

Ibintu vyunyutse kuruta mu kwezi guheze igihe abo basirikare bisubirako ku mwumvikano bari bemeye wo gutunganya amatora mu kwezi kwa kabiri hanyuma bakavuga ko bazoguma ku butegetsi gushika mu 2025, mu nyuma bagahava bakirukana uwuserukira Ubufaransa.

Mu kwezi kwa 12, ibihugu birenga 10 vyo mu Burengerazuba vyiyamirije kandi umuzo w'abacangero b'umugwi ushingiye mu Burusiya wa Wagner muri Mali.

Uwo mugwi umaze kugira uruhara mu ntambara zitari nke zikomeye mu bihugu nka Syria, Mozambique, Sudan na Centrafrique. Amatohoza ya BBC yerekanye ko uwo mugwi ufise aho uhuriye n'ivyaha vyo mu ntambara muri Libya.

Macron yagabishije avuga ko uwo mugwi waje "gukingira inyungu zawo n'iz'abari ku butegetsi ubwabo".

Inkuru y'uko Ubufaransa bukuye akarenge ntiyakiriwe kumwe muri Mali.

Umugabo umwe yabwiye BBC ko ivyo "bizozana amahoro mu buraruko bw'igihugu cacu kuko Uburusiya na Wagner ata nkeka ko bazoshigikira ingabo zacu", mu gihe uwundi yavuze ko ingabo z'Ubufaransa muri Mali zananiwe.

Ariko hari abandi bashikirije amakenga ko ibintu biriko birunyuka.

Umwe mu bafise impungenge yabwiye BBC ati: "Ejo harabaye igitero mu gice c'uburaruko bwa Mali... Abasirikare bacu bari mu gice co hagati. Bavuga ko ingabo ziriko zirigarurira uturere. Ariko aho ni mu majahagati y'igihugu gusa. Mu zindi ntara ho gute?"

Ingaruka z'umutekano ku bindi bihugu

Ivanwa ry'ingabo z'Ubufaransa muri Mali rizogira ingaruka z'umutekano ku bindi bihugu vyo mu karere ka Sahel navyo nyene bisanzwe bihanzwe n'intagomdwa za Islam.

Umukuru wa Côte d'Ivoire Alassane Ouattara yagabishije ko iyo ngingo izosiga igihengeri kizosaba utundi twigoro ama reta y'ibihugu vyo mu karere.

Ouattara ati: "Bizodusaba kwongereza ingabo kandi turushirizeho gukingira imbibe zacu."

Ariko umukuru wa Senegal Macky Sall avuga ko atahura igituma Ubufaransa bwafashe ingingo yo kuva muri Mali, kandi yizeza ko urugamba rwo kurwanya intagondwa za Islam muri Sahel ruzokomeza.

Hagati aho umukuru wa Ghana Nana Akufo-Addo yavuze ko ari nkenerwa cane ko ingabo za ONU ziguma zikora muri Mali n'ubwo Ubufaransa buvuyeyo.

Umuvugizi wa ONU yavuze ati uko bigenda kwose hazoba "ingaruka ku bikorwa."

Hari n'amakenga kuri kazoza k'intumwa za Buraya zo kwigisha abasirikare muri Mali , inyuma y'aho umushikiranganji w'Ubudagi ajejwe kwivuna abansi Christine Lambrecht avugiye ko ata cizere afise ko Ubudagi buzobandanya ubwo butumwa.

Yavuze ati: "Twamenye ingingo y'Ubufaransa yo kuva kuva muri Mali no kurangiza ubutumwa bwabwo muri ico gihugu, ingingo ata nkeka izogira ingaruka kubo bari bafatanije ubutumwa."