Libya: Inama nshingamateka yatoye umushikiranganji wa mbere mushasha Fathi Bashagha

Fathi Bashagha yigeze kuba umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Fathi Bashagha yigeze kuba umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu

Inama nshingamateka ya Libye yemeje atawuvuyemwo umushikiranganji wa mbere mfatakibanza mushasha mu ngingo ishobora gutuma haba iyindi ntambara yo gupfa ubutegetsi kuko hari hasanzwe hari uwundi ari muri ico kibanza.

Impande zihanganye zigwanira ubutegetsi: Inama nshingamateka ikorera mu buseruko bw'igihugu, mu gihe reta y'ubumwe yo ifise icicaro I Tripoli ku mugwa mukuru.

Itorwa rya Fathi Bashagha n'inama nshingamateka - yigeze kuba umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu - agiye guhangana amaso mu yandi n'ubutegetsi bwa Abdulhamid al-Dbeibah.

Dbeibah yari yatowe nk'umushikiranganji wa mbere mu mwaka uheze mu gikorwa cari gifashwe mu mugongo na Onu. Ariko inama nshingamateka ifata ko ikiringo ciwe carangiye kuko yategerezwa gutanga ubutegetsi inyuma y'amatora yari ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Ayo matora ariko yarungurujwe, Dbeibah akaba yiyemeje kuguma ku butegetsi gushika ayo matora abaye.

Ariko inama nshingamateka yo ibibona ukundi.

Ayo matora atevye kuba ni co kintu gikomeye kiri ku rupapuro rw'inzira ya politike ishigikiwe na Onu ifise intumbero yo kurangiza imyaka y'intambara n'umutekano muke.

Kare cane kuri uyu wa kane, Dbeibah yarusimvye mu cagaragaye nk'ukugerageza kumwica igie imodoka yarimwo yaraswa amasase I Tripoli.