Libya: Umushikirizamanza yasavye ko impapuro zo kwitoza kwa Gaddafi zihagarikwa

Ahavuye isanamu, AFP
Umushikirizamanza yasavye kandi ko impapuro zo kwitoza z'umukuru w'abagwanyi Khalifa Haftar - nawe arondera kuba prezida - ziteshwa agaciro.
Ku musi w'Imana, akanama kajejwe gutegura amatora kavuze ko Ghaddafi yatanze impapuro zose zikenewe nk'umukandida yiyamamariza ikibanza ca prezida, mu matora ategekanijwe mu kwezi kuza.
Ariko mw'ikete rigenewe ako kanama, Gharouda yagabishije ko ako kanama gashobora kubazwa ivyoshika vyose mu gihe izo mpapuro zitoteshwa agaciro.
Mw'ikete yanditse, umushikirizamanza wa gisirikare yagize ati:"Saif al-Islam na Khalifa Haftar baragirijwe ivyaha vy'ubwicanyi" umugambi wabo wo kwitoza "utegerezwa guhagarikwa gushika amatohoza arangiye."
Ukwitoza kwa Gaddafi, n'aho kwari kwitezwe, kwatangaje abantu benshi mu gihugu ca Libya no hanze yaco ku ruhara yagize mu kwica abantu ku ntwaro ya se wiwe.
Aracaronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku vyaha vy'ubwicanyi vyakozwe mu 2011.
Haftar arongoye imigwi igwanira mu buseruko bwa Libya, araronderwa na sentare ya Amerika aho yagirizwa ko yoba yarishe urubozo abanye Libya mu gihe c'intambara. Umushikirizamanza wa gisirikare muri Libya, Mohamed Gharouda, yasavye akanama kajejwe gutegura amatora gutesha agaciro impapuro zo kwitoza za Saif al-Islam, umuhungu wa nyakwigendera Muammar Gaddafi, yahoze arongoye ico gihugu.









