Inkoto zikoresha udukoko mu kwivura ibikomere no kuvura izindi nguge

Abashakashatsi babonye inkoto (chimpanzee mu Congereza) zivurana muri Afirika mu gihugu ca Gabon, basanga zidashira udukoko ku bikomere vyazo gusa, ahubwo zivura na zigenzi zazo

Wokwivura gute igikomere?

Abenshi bakoresha imiti yo mu bwoko bwa 'antibiotiques' bagafuka ahakomeretse n'udukoresho dufata ku mubiri twabigenewe. Ariko wari uzi ko n'udukoko dushobora gukoreshwa?!

Ibi biboneka ko bikora ku nguge, zabonetse zifata udukoko duto duto tuguruka zikadushira aho zakomeretse.

Abashakashatsi ibi barabibonye ku nguge zo muri Afirika muri Gabon, aho babonye ko zidakoresha udukoko gusa ku bikomere vyazo, ahubwo zidushira no ku zindi nguge zakomeretse

Abahinga bavuga ko ibindi bikoko bititanaho nk'uko biboneka kuri izo nguge.

Uwo mugambi watanguye mu 2019, aho inkoto ikuze y'ingore bataziriye Suzee yabonetse yitegereza aho akana kayo kakomeretse ku kirenge.

Suzee yaciye icakira agakoko kaguruka, igacisha mu kanwa iragahekenya, igashira ku gikomere c'umwana wayo.

Ivyo vyose vyabaye mu kibanza c'ishamba rikingiye ryo muri Gabon, 'Loango National Park', aho abashakashatsi bariko biga inyifato y'umugwi w'inkoto 45, ziri mu bwoko bw'ibikoko bugeramiwe no guhona burundu

Mu mezi 15 aheze, abashakashatsi babonye inkoto, zikoresha ubwo buryo nyene bwo kwivura n'imiburiburi incuro 19.

Babonye kandi inkoto zakomeretse zivurwa muri ubwo buryo n'izindi nguge zigenzi zazo.

Ibikomere, ahanini usanga vyugurutse gushikana kuri santimetero nyinshi, bishobora guturuka ku kurwana hagati y'inkoto z'imiryango mikeba.

Uretse ko zitanka uwo muti, izo nkoto zakomeretse wasanga zinezerejwe no kubona zitaweho.

Abashakashatsi ntibarashobora kumenya agakoko gakoreshwa mu bikomere ako ariko, ariko bazi ko ari agakoko kaguruka uravye ingene izo nkoto zihuta mu kugacakira.

Inyoni, inzovu, idubu (ours) n'ibindi bikoko biramaze kuboneka vyivura ibikomere n'izindi ngwara, nk'akarorero bikarya ibimera nk'umuti.

Ariko igitangaje ku nkoto, n'uko zitivura zonyene gusa, ariko zigafasha na zigenzi zazo.

Ubu bushakashatsi bwatangajwe mu kinyamakuru candika ku biraba ibinyabuzima, 'Current Biology'.