Burundi: Isabukuru Buja Sans Tabou yahagaritswe kubera "abatimbo bambaye ikoti"

Abatimbo bavugije umurisho bambaye "costume" bagirijwe guhonyanga umuco
Insiguro y'isanamu, Abatimbo bavugije umurisho bambaye "costume" bagirijwe guhonyanga umuco

Ubushikiranganji bufise urwaruka mu nshingano zabwo mu Burundi bwahagaritse isabukuru yariko irabera mu gisagara ca Bujumbura kubera umugwi w'abavuzi b'ingomba bambaye umwambaro uzwi nka "costume".

Amasanamu yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana abatimbo bari bitabiriye isabukuru Buja Sans Tabou, bavuza ingomba bambaye amakoti n'amapantalo na karuvati bashizeko.

Bisanzwe bizwi ko mu muco w'ikirundi ingomba zivuzwa n'abantu bambaye umwambaro w'imbega.

Ku mbuga hwaniro bamwe baguye mu gahundwe bakagira bati ivyo ni uguta umuco, abandi nabo bati nkumbure ni iterambere, ntawogaya ikitarageragezwa.

Ariko mu gihe isabukuru yitwa "Buja Sans Tabou", canke "Buja itagira umuziro" ugenekereke mu kirundi, hari abibajije igituma bobuzwa kwambara uko bashatse naho boba bariko baravuza ingoma z'ikirundi.

Mw'itangazo ryasohowe n'umushikiranganji ajejwe ivy'ishirahamwe ry'akarere ka Afrika y'ubuseruko, urwaruka, inkino hamwe n'umuco ryasohotse uno munsi, uushikiranganji Ezechiel Nibigira amenyesha ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo gukingira "Umurage w'Umuco kama w'u Burundi".

Yongeye ko yuko vyavuye "ku nyifato yerekanywe itubahirije intambo yubashwe cane y'Umurisho w'Ingoma z'Ikirundi, yigaragaje ku munsi wo kwugurura isabukuru Slam Buja Sans Tabou".

Ngo muri iyo sabukuru "abavuzi b'ingomba barihaye uruhusha rwo kwiyereka bambaye 'tenue de ville (costume)' " ku bw'izo mpangu ngo Ubushikiranganji bujejwe ivy'ishirahamwe ry'akarere ka Afrika y'ubuseruko, urwaruka, inkino hamwe n'umuco "buhagaritse ubu nyene ibikorwa vya Buja Sans Tabou".

Haraciye imyaka irenga itandatu ingoma z'u Burundi zishizwe ku rutonde rw'umurage w'isi n'ishami rya ONU rijejwe umuco n'inyigisho, UNESCO.

Abatunganije iyo sabukuru yagomba kumara iminsi itanu kuva ku tariki 7 gushika ku tariki 11 z'uku kwezi, ntaco barabivugako.