Whoopi Goldberg yahagaritswe na ABC kubera amajambo yavutse kw’ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Whoopi Goldberg yahagaritswe mu biganiro vyo kuri televiziyo yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika inyuma y'aho avugiye ko ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi (rikunze kwitwa "Holocaust") ryavuye ku "mirwi ibiri y'abazungu".
ABC News ivuga ko Goldberg azomara indwi zibiri atabonetse inyuma "y'amajambo yiwe y'ibinyoma kandi ababaje".
Uyu munyatugenegene akongera akaba umuntu azwi cane ku mboneshakure yavugiye mu kiganiro ca ABC, The View, ko ihonyabwoko aba Nazi bakoreye Abayahudi ritari "rishingiye ku bwoko".
Aba Nazi, bo biyita ko ari "ubwoko busumba amoko yose" bw'aba Aryens/Aryan, bagandaguye Abayahudi bagera ku miriyoni zitandatu muri iryo honyabwoko.
Yarasavye imbabazi ariko aca akora ayandi makosa mu gihe yariko agerageza gusigura amajambo yavuze mu kiganiro kindi cabaye mw'ijoro.
Mw'itangazo ryaraye ryandikiwe abakozi mw'ijoro ry'ejo ku wa kabiri, umukuru wa ABC News Kim Godwin yanditse ati: "Kuva ubu nyene, ndahagaritse vy'agateganyo Whoopi Goldberg mu kiringo c'indwi zibiri ku majambo yiwe y'ibinyoma kandi ababaje".
"N'aho Whoopi yasavye imbabazi, namusavye afate akanya ko kwiyumvira yongere yige ku nkurikizi z'amajambo yiwe.
"Ishirahamwe ryose rya ABC News ririfatanije na bagenzacu bose b'Abayahudi, incuti n'umuryango wose w'Abayahudi".
Yongerako ati: "Izi ngingo ntizoroshe na gato, ariko ni nkenerwa", nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru Hollywood Reporter co muri Amerika.
"Mu ndwi iheze, namenyesheje ko umuco wa ABC News utomoye, usonera buri muntu, uhuza bose, ugasonera bose kandi ukorera mu muco. Amajambo ya Whoopi ntajanye n'izi ndangagaciro".
"Amajambo afise uburemere"
Mu masaha ya kare y'ejo ku wa kabiri, Goldberg yasavye imbabazi ubugira gatatu.
"Mu kiganiro, yavuze ati: "Ejo mu kiganiro naravuze nabi".
"Ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi ubusanzwe rishingiye ku bwoko, kuko Hitler n'aba Nazi bafata ko Abayahudi ari ubwoko bwo hasi".
"Ubu, amajambo afise uburemere, kandi na rwanje ni uko nyene. Ndababajwe n'amajambo yanje kandi ndemeye ko nakoze amakosa. Ndifatanije kandi n'abayahudi".
Uyu munyatugenegene yigeze gutsindira agashimwe ka Oscar akaba aremesha ikiganiro The View kuva mu 2007, yatanguye kuvuga aya majambo yateje impari mu kiganiro co ku wa mbere igihe yariko avuga ku ngingo y'ishure ryo muri Teneessee yo kubuza igitabo c'ibicapo ku bijanye n'ihonyabwoko ry'Abayahudi ku mvo z'uko ngo cerekana abantu bambaye ubusa, kigacafuza kandi kikerekana abiyahura.

Ahavuye isanamu, Ron Galella g
Bimaze kuvyura icuka kibi, yaciye asaba imbabazi haciye amasaha make.
Ariko mu kiganiro ca CBS, The Late Show, cari kiremeshejwe na Stephen Colbert ku wa mbere mw'ijoro, mu gihe yariko agerageza gusigura amajambo yashikirije, yavuze ko aba Nazi babeshe kandi ko mu bisanzwe bari bafise ibibazo bishingiye ku bwoko atari ku rukoba, amajambo yateje ibindi bibazo.
Si bwo bwa mbere Goldberg ateje ibibazo.
Mu 2009, yavuze ko indongozi y'amareresi Roman Polanski - yari yemeye icaha co gukora imibonano mpuzabitsina n'umwana muto" mu 1997 - ata caha co "gufata ku nguvu nya gufata ku nguvu" yakoze.
Yarashigikiye kandi Bill Cosby yagirizwa ivyaha vyo gufata ku nguvu, imbere y'uko yigarura amaze kubona ko yateje icuka kibi.










