US: Ibitaro vyanse gutera umutima umurwayi aticandagishije Covid

Ibitaro vy'i Boston muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyanse kwakira umurwanyi akeneye guterwa uwundi mutima, nibura igice cawo, kubera aticandagishije covid-19.

DJ Ferguson w'imyaka 31, ageze habi, akaba akeneye guterwa umutima mushasha, ariko ibitaro Brigham and Women's Hospital muri reta ya Massachusetts vyamukuye ku rutonde, nk'uko bivugwa na se wiwe, David.

Avuga ko urucanco rwa Covid ruteye kubiri n'ivyo umuhungu wiwe "yemera".

Ibi bitaro bivuga ko bikurikiza amategeko.

Mw'itangazo, ibitaro Brigham and Women's Hospital vyabwiye BBC biti: "Kubera ibihimba vy'umubiri bisanzwe bihari ari bike, dukora uko dushoboye kwose kugira ngo umurwayi aterwa igihimba kanaka aronke amahirwe ashoboka yo kubandanya abaho".

Umuvugizi amenyesha ko ibi bitaro "bisaba icemeza ko umuntu yacandazwe hamwe n'amakuru y'imibereho ku bashizwe ku rutonde rwo guterwa ibindi bihimba kugira ngo ibikorwa vyo kumukora bigende neza be no kugira umurwayi ashobore kugira amahirwe yo kubandanya abaho inyuma yo kumutera igihimba kanaka, kubera ubudahangarwa bw'umubiri wiwe buba bwononekaye cane".

Iri tangazo ry'ibi bitaro ryitondewe cane rishobora kuba rivuga ko mu kwima umuntu uburenganzira bw'ukuvurwa hari n'ibindi vyisungwa hejuru y'uko atacandazwe, ariko nta nsiguro ritanga, rikavuga ko ari ibanga ry'umurwayi.

Ibi bitaro vyongerako y'uko hafi abantu 100.000 bari ku rutonde rw'abarindiriye guterwa ibindi bihimba vy'umubiri batazoshobora kubironswa muri ino myaka itanu kubera ata bikwiye bihari.

Uyu mugabo Ferguson ari mu bitaro kuva ku wa 26 Munyonyo (Ugushyingo mu kinyarwanda), 2021, akaba arwaye indwara y'umutima yo mu muryango (héréditaire/hereditary) ituma amahaha yiwe yuzura amaraso n'amazi, nk'uko bivugwa n'isekeza ryo kwegeranya imfashanyo GoFundMe.

Iri sekeza ryo kwegeranya imfashanyo rivuga ko Ferguson afise amakenga ko umutima wiwe ushobora guterwa n'ubushe - ingaruka ishobora kuva ku rucanco rwa coronavirus ikigo ca Amerika kijejwe gukinga indwara, Centers for Disease Control and Prevention (CDC), gishimangira ko idakunze kwibonekeza kandi ari iyo umwanya muto - kandi ko bishobora kumugirira ingaruka mbi kubera umutima wiwe ata nguvu ufise.

Ikigo CDC gitera akamo abakeneye guterwa ibihimba vy'umubiri hamwe n'ababegereye kwicandagisha.

Muganga Arthur Caplan, arongoye igisata kijejwe ibijanye n'inyifato mu vyo ubuganga (medical ethics) kw'ishure NYU Grossman School of Medicine, yabwiye imboneshakure CBS News ko iyo umuntu ahejeje guterwa igihimba ico ari co cose c'umubiri ubudahangarwa bwiwe buba bwahagaze ku buryo n'ibicurane vyonyene bishobora kumuhitana.

Dr Caplan ati: "Nta bihimba vy'umubiri bikwiye dufise, rero ntidushobora kubiha umuntu ata mahirwe menshi afise yo kubaho mu gihe abandi biteje urucanco bobo baba bafise amahirwe menshi yo kubaho inyuma yo gukorwa".

Ferguson, se w'abana babiri n'uwa gatatu akaba ari mu nzira, aguma kuri ivyo bitaro, nk'uko bivugwa n'abakunzi biwe.

Umuryango wiwe uvuga ko ari magara make ku buryo adashobora kwungururizwa ku bindi bitaro kandi ko "n'umwanya uriko uramujana".

David Ferguson ati: "Umuhungu wanje ariko arirwanako uko ashoboye kwose, ni umushingantahe afise ivyo yemera, kandi ibi nivyo bituma ndamwubaha gusumba".

"Ni umubiri wiwe. Ahitamwo ico ashatse".

Si bwo bwa mbere muri izi ndwi za vuba Umunyamerika atacandazwe ahura n'inzitizi ku bijanye n'ubuvuzi.

Mu ntango z'uku kwezi, umugore wo muri Minnesota yaritwariye ibitaro vy'akarere inyuma y'aho abaganga bageragereje gukura umugabo wiwe muri vya vyuma bifasha abarwayi guhema yari amazemwo amezi abiri.

Abanyamerika barenga 63% baramaze kuronswa incanco zibiri hanyuma abababa 40% nabo bakaba bamaze kuronswa urwa gatatu.