Roberta Metsola: Inama nshingamateka ya Buraya yatoye umukuru wa mbere akiri muto cane

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Na Jessica Parker
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC i Bruxelles
Roberta Metsola yatowe nk'umuntu wa mbere akiri muto abaye umukuru w'inama nshingamateka ya Buraya, kandi akaba abaye umugore wa mbere agiye muri ico kibanza mu myaka 20.
Madame Metsola, w'imyaka 43, azwi cane kuba aterekwa ivyo gukorora inda, yavuze yamara ko ashigikiye uburenganzira bw'abagabo canke abagore bagira imigenderanire mpuzabitsina n'abagabo canke abagore nka bo, abiyumva mu bitsina vyompi, n'abiyumva mu gitsina batavukanye (LGBT).
Uwo mugore akomoka muri Malte agiye muri ico kibanza asubirira David Sassoli, yari afise imyaka 65, yapfuye mu ndwi iheze ahitanywe n'indwara ikomeye.
Abaye umwe mu bagore batatu bafise ibibanza bikomeye cane mw'Ishirahamwe rya Bulaya inyuma y'umukuru w'urwego rutwara iryo shirahamwe (Commission Europeene), n'umukuru w'ibanki nkuru ya Buraya.
Ariko igihe yariko arishura ibibazo vy'abamenyeshamakuru ku wa kabiri, yabajijwe akarenga rimwe ku bijanye n'ingene asanzwe abona uburenganzira bw'abagore ku bijanye n'ukuvyara.
Yaraneguwe ku buryo yagiye aratora kuri ico kibazo, kandi mu 2015, yifatanije n'abandi bashingamateka ba Buraya bakomoka muri Malte mu kuvuga ko "bateye kubiri bashimitse n'ugukorora inda".
Igihugu gisanzwe ciganjemwo idini rya katolika, Malte nico conyenyene co mw'ishirahamwe rya Buraya gifise amategeko abuza rwose ugukorora inda.
Ariko Madame Metsola yagumye ashimika ko azohagararira aho inama nshingamateka ya Buraya ihagaze kuri ico kibazo, aho guhagararira aho wenyene uko we asanwe abona ibintu.
Yavuze ko iyo nama nshingamateka "yasubiyemwo kenshi ko ubwo burenganzira bwokingirwa neza gusumba".
"Aho mpagaze ni ahahagaze inama nshingamateka ya Buraya".
Uwo mugore asanzwe yize ivy'amategeko.
Mu buzi yari amaze gukora harimwo kuba umujenama w'umunyaporitike w'umwongereza Baroness Ashton, ico gihe yari ajejwe poritike y'imigenderanire y'Ishirahamwe rya Buraya.

Ahavuye isanamu, AFP
Ariko amamuko yiwe yo muri Malte niyo yitaweho cane amaze gutorwa n'abashingamateka ba Buraya. Malte ni igihugu gifise abantu barenga gato 500.000 kikaba ari naco gihugu ca mbere gito mu bigize ishirahamwe rya Buraya.
Yatangaye anezerewe igihe yabona abavukagihugu biwe aho abanyamakuru bakoranira I Strasbourg ati: "Sinari bwabone abanya-Malte benshi gutya ngaha".
Yanaronse uwumusubiza kuko umwe mu banyamakuru yaciye avuga ati: "Turagukeje. Nk'abanya-Malte turishimiye cane kuba watowe kuja muri ico kibanza c'iteka rikomeye."
Malte n'igihugu gisanganywe imigenderanire ya kahise n'Ubwomgereza, caronse intahe yo kwikukira mu 1964.
Imigenderanire y'Ubwongereza n'Ishirahamwe rya Buraya ntiyoroshe kuva habaye Brexit n'ubwo umushikiraganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire Liz Truss azwi kuba ariko aragerageza ko hoba "ukuyisubiza ku ntango".
Umu-diplomate umwe wo mw'Ishirahamwe rya Buraya yavuze ko mu gihe Madame Metsola ashobora "guhengamira gutahura Abongereza", nta nzira nshasha azobaha ku migenderanire ifatiye kuri Brexit: "Ashira imbere Uburaya. Ico azoshira imbere ya vyose ni Ishirahamwe rya Buraya".
Vyari kugorana ko atorwa kuba umukuru w'inama nshingamateka ya Buraya iyaba yari ameze ukundi uko ariko kwose kiretse uko.












