Russia na OTAN/NATO bimaze indwi mu biganiro ariko icuka kibi ntigihera kubera Ukraine:

Ibiganiro birebire vyo muri ino ndwi vyatanguriye ku vyahuje Amerika n'Uburusiya, aba ni Wendy Sherman (i bubamfu) icegera c'umunyamabanga wa reta ya Amerika ajejwe imigenderanire hamwe na Sergei Ryabkov icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya i Geneva k uwa 10/01/022

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ibiganiro birebire vyo muri ino ndwi vyatanguriye ku vyahuje Amerika n'Uburusiya, aba ni Wendy Sherman (i bubamfu) icegera c'umunyamabanga wa reta ya Amerika ajejwe imigenderanire hamwe na Sergei Ryabkov icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya i Geneva k uwa 10/01/022
    • Umwanditsi, Na Paul Adams
    • Igikorwa, BBC News Kyiv, Ukraine

Ubulaya hoba ari ahantu hagiye gutekana inyuma y'indwi yose y'ibiganiro uyo mugabane wari umazemwo? Inyushu nto cane ishobora kuba ari oya.

Kuva mu biganiro vy'i Geneva hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Uburusiya, gushika ku nama ya mbere y'Akanama ka OTAN-n'Uburusiya (NATO-Russia Council) mu myaka irenga ibiri, gushika no kw'ikoraniro ry'ishirahamwe rijejwe umutekano n'imigenderanire i Bulaya, (Organization for Cooperation and Security in Europe, OCSE) i Vienne, buri ruhande rwarashize ahabona ibirubakiye, imirongo ituruka iracibwa, haraba ukwagirizanya.

Ku wa mbere, Wendy Sherman, inararibonye ya Washington mu vyo ibiganiro, yavuze ko "impande zompi zayaze zumvikana, buri ruhande rushikiriza ibirubakiye n'ivyo rushira imbere", inyuma y'amasaha hafi umunani y'ibiganiro n'icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya Sergei Ryabkov.

Ku ruhande rwiwe, Ryabkov yavuze ati "Abanyamerika bafashe nkama ibibazo vyacu".

Hageze ku kibazo ca OTAN/NATO, umunyamabanga mukuru w'iri shirahamwe Jens Stoltenberg yavuze ko Abarusiya baganiriye nawe berekanye "ugushaka muri rusangi banashigikira iciyumviro c'ibiganiro".

Umunyamabanga mukuru wa OTAN (i buryo) yaheruka kwakira ikoraniro ry'akanama ka OTAN n'Uburusiya mu kw'indwi 2019

Ahavuye isanamu, Reuters/Pool

Insiguro y'isanamu, Umunyamabanga mukuru wa OTAN (i buryo) yaheruka kwakira ikoraniro ry'akanama ka OTAN n'Uburusiya mu kw'indwi 2019

Mu gihe ingabo 100.000 z'Uburusiya zibandanya gutera ubwoba ku mbibe z'uburaruko n'ubuseruko bwa Ukraine - uruja n'uruza rw'imirwi n'ibikoresho bidasanzwe bikurikiranirwa hagufi cane mu ntumbero yo kumenya imigambi nyayo ya Kremlin - kubona bafashe umwanya muremure wose nk'uwu bavugana muri ino ndwi, ni ikintu gitanga umwizero.

Ibiganiro bigana he?

Bisa n'uko hakiri kare kuvuga ko hoba hari inzira birafata. Stoltenberg avuga ko Abarusiya batari biteguriye kwumvikana ku kirangamisi c'iyindi mibonano.

Ryabkov asa n'uwudashigikiye iciyumviro c'ibindi biganiro.

Yabwiye imboneshakure y'Uburusiya (Russia TV) ati: "Si mbona icotuma dusubira kwicara mu misi iri imbere, ngo twongere dukorane kugira dutangure ibiganiro nk'ibi nyene".

Ikigaragara ni uko ata n'umwe koko abona ico ibi biganiro bivuga.

Ku ruhande rw'ibihugu vyo mu burengero, intumbero ni ukubuza igisirikare c'Uburusiya kwinjira muri Ukraine.

Ku ruhande rw'Uburusiya, intumbero isa n'ukurondera kubuza OTAN kubandanya yiyagurira akarere: kubuza Ukraine kwinjira muri iri shirahamwe, hanyuma hejuru y'iki, kwigiza inyuma iri shirahamwe no guhagarika ibikorwa vyaryo ku butaka bw'icahoze ari Ubumwe bw'aba Soviet.

Uko Kremlin ibona isi

Igihe icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya, Alexander Grushko, avugana n'abanyamakuru inyuma y'inama yo ku wa gatatu kuri OTAN, yafashe umwanya muremure asigura agashavu bafise ku nyifato y'iri shirahamwe rihuza ibihugu vyo mu burengero kuva ya ntambara yo kwikekana (Guerre froide/Cold War) irangiye.

Yarondeye kwerenana OTAN nk'akaga i Bulaya, mu gihe Uburusiya bwobwo ari bwo bwonyene buhagarariye amahoro.

Agabisha ko mu gihe OTAN yogerageza kurondera gucuvya Uburusiya, "hazoca haba poritike yo kurwanya iri cuvya".

"Niba hari iterabwoba, hazzoba ukurwanya iterabwoba".

Ingene OTAN yagiye yiyagurira akarere
1px transparent line

Uko Kremlin ibona ibintu ni uko Uburusiya bubangamiwe, si bwo bubangamira ibindi bihugu; ingabo z'Uburusiya zirajwe ishinga n'ibibazo vyazo ku rubibe rwa Ukraine, mu gihe Uburusiya budashobora kwihanganira na gato OTAN mu bihugu bihana imbibe na bwo.

Ni ibintu vyama bitesha umutwe igihe cose, ariko bikaba biva ahanini ku kazikira k'igihe kirekire kavuye kw'isenyuka ry'ubumwe bw'aba Soviet inyuma y'intambara y'ukwikekana, hamwe n'ico Uburusiya bufata ko ari umuvuduko udasanzwe wa OTAN mu kwiyagurira akarere.

Ibiganiro bifise intumbero zihushanye

Gushika ubu, ibihugu vyo mu burengero vyishura bivuga ko, uretse ko bigabisha ko hashobora kuba ingaruka zikomeye mu gihe Uburusiya bworamuka buteye Ukraine, ni ugufata ingingo zo "kugabanya ingaruka", harimwo no gunyanyagiza za misire mu Bulayi no gukomeza hamwe no kwongereza imyimenyerezo ya gisirikare mu buryo bweruye.

Ariko ahanini OTAN irondera gusanasana inyubako y'umutekano wa Bulaya, si ivyo kurondera iyindi nteguro nshasha.

Rero muri uno mwanya, izi mpande zompi zibandanya ibiganiro zifise intumbero zihushanye, ata n'icizere ko n'ibi biganiro bishobora kuzobandanya.

Umupfasoni Sherman avuga ko uruhande rw'Uburusiya rutigeze rwanka kugiriranira ibindi biganiro, ariko akagabisha ko mu gihe Uburusiya bwokwiyonjorora, vyoca bisa n'uko "batigeze bagira ishaka na ritoya ryo kubandanya inzira y'ibiganiro".

Mu mpera z'iyi ndwi y'ibiganiro bikomeye, umushikiranganji w'imigenderanire wa Pologne akaba ari na we arongoye OSCE Zbigniew Rau agabisha ko ingaruka z'intambara zokomera cane gusumba ikindi gihe ico ari co cose mu myaka 30 iheze,

Ibi biragoye guhakana.