Omicron: Ni ibihe bimenyetso bizwi vy'ubu bwoko bushasha bwa Covid-19?

Umwihwezo wakozwe ku banduye washize ukwasamura mu bimenyetso bishobora kwerekana ko umuntu yanduye Omicron

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwihwezo wakozwe ku banduye washize ukwasamura mu bimenyetso bishobora kwerekana ko umuntu yanduye Omicron

Ubwoko bwa Covid-19 buzwi nka Omicron bukwiragira ku murindi munini cane kw'isi, abahinga bakavuga ko ari bwo bwandukira cane gushika ubu.

Ariko ubu bwoko bushasha bwa coronavirus busa n'ubwerekana ibimenyetso bidakaze cane ugereranije n'ubwoko bwari bumaze kuboneka, ibi bigatuma vyoroha kuyitiranya n'ibicurane bisanzwe.

Hagati aho, umuvuduko udasanzwe wa Omicron mu kwandukira ubandanya kuba ikibazo ngorabahizi ku bisata bijejwe amagara y'abantu kandi ibandanya kubangamira cane abantu bataricandagisha canke abantu bari mu mirwi ikarirwa cane.

Ariko none, twoshobora gutandukanye gute Covid-19 n'iyindi ndwara ifatira mu bice vyo guhumeka?

Ibimenyetso vya Omicron

Prof. Tim Spector, umuhinga mu bijanye n'indwara z'ivyaduka kw'ishure kaminuza King's College London, akaba arongoye ikigo Zoe Covid Study, yabwiye BBC ati: "Twibaza ko Omicron isa n'ibimenyetso bito bito vy'ubundi bwoko nka Delta twabonye mu bantu bacandazwe".

Spector na bagenziwe begeranije amakuru ava mu bantu ibihumbi binjiye muri app yabo bagatanga ibimenyetso vyabo. Aba bashakashatsi bihweje ibimenyetso bifitaniye isano na Delta hamwe na Omicron.

Gushika ubu, ibimenyetso bitanu bihurirwako na bose ni:

  • Ibiseru
  • Kumeneka umutwe
  • Uburuhe (bwinshi canke budakaze)
  • Kwasamura
  • Kubabara mu muhogo

Kimwe mu bituma haba ibi bimenyetso bidakaze ni cane cane kubera igitigiri kinini c'abicandagishije canke imibiri yabo ifise ubudahangarwa.

Igitigiri kini c'abicandagishije canke umubiri ufise ubudahaganrwa bishobora kuba biri mu bituma Omicron iterekana ibimenyetso bikaze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igitigiri kini c'abicandagishije canke umubiri ufise ubudahaganrwa bishobora kuba biri mu bituma Omicron iterekana ibimenyetso bikaze

Haracari kare kumenya ingene Omicron ishobora kugira ingaruka ku bantu bataricandagisha canke abantu bafise ibibazo mu bijanye n'ubudahangarwa bw'umubiri.

Prof Spector avuga ko kubera vyinshi mu bimenyetso vya Omicron bizwi gushika ubu bisa n'ivy'ibicurane bisanzwe, bishobora gutuma abantu batamenya ko banduye Covid-19.

Ibi bisigura ko mu turere twiganjemwo Omicron yandukira ku muvuduko munini, birashoboka cane ko umuntu afise ibimenyetso vy'ibicurane yisanga yaranduye Covid-19, nk'uko bimeze i Londres, igisagara kirangwamwo abantu benshi banduye Omicron.

Wiketse ko ufise uwu mugera, ikintu nyamukuru ni ukwipimisha vuba bishoboka. N'abantu bafise ibimenyetso bito bito canke baterekana ibimenyetso na bimwe bashobora kwanduza abandi.

Ubwoko bwa Covid-19 bw'imbere y'aha bwari bufise ibimenyetso nk'inkorora, kumeneka umutwe, gutakaza ubushobozi bwo kwumva akanovera (goût/taste) no kutamoterwa.

Ariko, nk'uko bivugwa n'uyu mwigisha wa King's College London, abantu nka bose bavuga ko banduye ntiberekana ibi bimenyetso "bisanzwe bimenyerewe".

Ni ibihe bimenyetso notinya?

Ikigo c'Ubwongereza kijejwe amagara y'abantu (British National Health Service, NHS) gihanura ko twokwitwararika ibimenyetso bikurikira:

  • Inkorora idahera
  • Kumeneka umutwe canke ubushuhe bwinshi
  • gutakaza ubushobozi bwo kwumva akanovera no kutamoterwa
Omicron ni bwo bwoko bwa Covid-19 burwiriye i Londres/London

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Omicron ni bwo bwoko bwa Covid-19 burwiriye i Londres/London

Hagati aho, ku bantu bamwe bamwe, Covid-19 ishobora kurangwa "n'ibicurane bikomeye", hamwe n'ibindi nko kumeneka umutwe, kubabara mu muhogo n'ibiseru.

Umuriro mwinshi coba ari ikimenyetso ntabanduka ca coronavirus?

Ubushuhe ubwo ari bwo bwose buri hejuru ya 37.8C bufatwa ko burenze. Ubushuhe bushobora kuza mu gihe umubiri uriko urarwana n'umugera uwo ari wo wose, atari Covid-19 yonyene.

Ni vyiza gukoresha agapimabushuhe (thermomètre/thermometer). Ariko mu gihe utagafise, ikore ku gikiriza canke ku mugongo kugira wumve ko ushushe.

Ibicurane bisanzwe bishobora kudatera ubushuhe.

Rero, mu gihe wumvise ko ufise umuriro mwinshi, bisabwa ko wipimisha.

Inkorora nayo ni gute?

Iyo urwaye ibicurane, birashobora kukuviramwo inkorora canke ibindi bimenyetso.

Ibicurane mu bisanzwe biza giturumbuka kandi ababirwaye ugasanga bababara mu mitsi, bagakanya, bakameneka umutwe, bakumva uburuhe, bakababara mu muhogo, hanyuma bakarekura ibiseru canke amazuru akaziba, bikajana n'inkorora.

Ibicurane bigenda vyiyongera ariko kandi ntibisinzikaze umuntu cane, n'aho bishobora kudutuma twumva ko turwaye.

Hampande y'inkorora, hari ukwasamura, kubabara mu muhogo, n'ibiseru. Ubushuhe, kwumva imbeho, kubabara mu mitsi no kumeneka umutwe biboneka gake.

Inkorora ya Covid-19 yerekanwa no gukorora kenshi cane mu kiringo kirenga isaha, canke ibihe vyo gukorora umwanya muremure bitatu canke birenga mu kiringo c'amasaha 24.

Impanuro kuri bose muri rusangi ni uko wokwipimisha igihe wumvise ibimenyetso vya Covid-19

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Impanuro kuri bose muri rusangi ni uko wokwipimisha igihe wumvise ibimenyetso vya Covid-19

Iyo wanduye inkorora nshasha kandi ikagenda ibandanya, ni vyiza kuja kwipimisha.

Iyo utakaje ubushobozi bwo kwumva akanovera canke kumoterwa bisigura iki?

Ibi ni ibimenyetso bikomeye vya Covid-19 kandi bisigura ko utegerezwa kwipimisha.

Urashobora kuba ucumva ibicurane bisanzwe. Ariko ni vyiza kwipimisha, n'aho woba utumva ko ukomerewe, kugira ngo ntushobore gusanga uriko urakwiragiza uwu mugera.

Iyo nasamura, vyoba bisigura ko mfise coronavirus?

Ukwasamura nti kuri mu bimenyetso bisanzwe vya coronavirus kandi, kireste iyo wumva ufise ubushuhe, inkorora canke ugatakaza ubushobozi bwo kwumva akanovera no kumoterwa, ugatakaza n'akayabagu, nta ngorane zategerezwa kuhaba.

Ariko kandi, ukwasamura bishobora kuba biterwa n'ubwandu, rero ni vyiza gukoresha agatambara iyo wasamuye - hanyuma kandi ugakaraba iminwe uhejeje.

Ni gute iyo mfise ibiseru canke nazivye amazuru?

Ntibiri mu bimenyetso bikomeye vya coronavirus, ariko ubushakashatsi butari buke bwerekanye ko abantu bapimwe bagasanga baranduye usanga bafise ibi bimenyetso.

N'ubwo ifise ibimenyetso bitoya bimwe kuri bose. Omicron ikarira cane abantu bataricandagisha canke abadafise ubudahangarwa bw'umubiri bwikije

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, N'ubwo ifise ibimenyetso bitoya bimwe kuri bose, Omicron ikarira cane abantu bataricandagisha canke abadafise ubudahangarwa bw'umubiri bwikije

Nk'akarorero, mu mabwirizwa y'isuku ya Amerika, ivy'ibiseru canke kuziba amazuru ntibiri mu bintu bishobora kwerekana coronavirus, ariko kandi hakiyongerako ugucibwamwo.

None ugucibwamwo gushobora kuba ikimenyetso?

Amakuru ava muri Afrika y'Epfo nayo arerekana ko abantu bamwe bamwe berekanye ibibazo vyo mu nda nk'ikimenyetso gishoboka ca Omicron.

Ariko mu Bwongereza, Prof Tim Spector avuga ko ibimenyetso vya Omicron bisa n'ibigomba kumera nk'ivy'ubundi bwoko bwa Covid-19 buheruka - ibi na vyo cane cane bikaba ari ibibazo bifatira mw'ihemero.

None nobandanya mfise ubwoba ko ndwaye Omicron?

Ibiharuro vya mbere n'ubushakashatsi kuri Omicron vyerekana ko ubu bwoko butababaza cane ugereranije n'ubw'imbere yabwo.

Ibi biterwa hamwe hamwe n'ihinduka ry'uwu mugera, ariko imbere ya vyose inguvu z'incanco n'ubudagangarwa kama bw'umubiri.

Hagati aho, umurindi Omicron ikwirakwirako, umuvuduko munini cane gushika uno musi, uracari ikibazo kandi benshi, cane cane abarwaye basanzwe bafise ibindi bibazo vy'amagara, nibo babangamirwa.

Abantu banduye coronavirus bafise kwerekana ibimenyetso bitari bike kuva kuri bitoya gushika kuri binini. Hari n'abaterekana ibimenyetso na bimwe ariko bagashobora kwandukiza abandi.

Ibimenyetso bishobora kumara indwi zishika kuri zibiri kugira ngo biboneke inyuma yo kwandura umugera, ariko kenshi bikunze kwibonekeza ku musi ugira gatanu.

Ingorane zo guhema zishobora kuba ikimenyetso c'uko umuntu asinzikaye.