Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indyane hagati ya Britney Spears na murumunawe zigeze kure, aho baryanira ku mbuga hwaniro
Britney Spears na mushikiwe we Jamie Lynn bamaze imisi baterana amajambo biturutse ku kiganiro giheruka ku mboneshakure hamwe no ku mubano wabo wo muri kahise.
Uyu muririmvyi yagiriza murumunawe ko yaciye ku kiganiro co ku wa gatatu mu kumenyekanisha igitabo ciwe "akoresheje izina ryanje".
Britney avuga ko Jamie Lynn ata "kintu na kimwe yigeze akora" kandi umuryango "ukunda kunyononera no kumbabaza".
Jamie Lynn avuga ko amajambo ya Britney ari "ibinyoma vyeruye" kandi ko igihe cose yamye hafi ya mukuruwe.
Uyu mugore w'imyaka 30 avuga ko buri gihe yama ariko agerageza gusigurira abana biwe "igituma umuryango wacu ubandanya uterwa ubwoba bwo kwicwa, nk'ingaruka y'amajambo yandikwa na inasenge wabo yo kuwagiriza ibintu bidafashe, cane cane mu gihe tuzi ko yetegerezwa kuvugisha ukuri".
Britney amaze igihe anegura umuryango wiwe ku kungene wamufashe mu myaka 13 wamaze ari wo ujejwe amatungo yiwe, igihe amafaranga n'ubuzima bwiwe vyari mu minwe ya se wa Jamie. Urubanza rwagiye kurangirira muri sentare mu kwa cumi na rimwe.
Jamie Lynn Spears avuga iki?
Uyu mutoyi wa Britney yatanze ikiganiro ku mboneshakure ABC mu kiganiro Good Morning America (twogereranya na Mwaramutse Amerika) mu ntango z'iyi ndwi turiko turangiza asigura igitabo ciwe Things I Should Have Said (mu kirundi twovuga tuti: Ivyo nategerezwa kuba navuze).
Iki gitabo kivugwa ko gisigura ubuzima bwiwe, harimwo n'isanganya umukobwa wiwe yagize rigahakwa kumutwara ubuzima mu 2017, imigenderanire yiwe na Britney hamwe n'ikibanza yari afise mu kubungabunga umutungo w'uyu muririmvyi.
Muri ico kiganiro, Jamie Lynn yiyise "umufasha wa mushikanje akomeye cane" hanyuma avuga ko "yafashe ingingo zo gufasha" guhagarika ivyo kumubikira umutungo.
Ariko nk'uko bivugwa na ABC, yavuze ko inyifato ya Britney muri kahise "itari itomoye", "irangwa n'ubwoba butagira ishingiro" kandi ko yari "mahindagu".
Yabwiye iki kiganiro ati: "Igihe hafatwa ingingo yo kumubikira amatungo yiwe, jewe nari mfise imyaka 17, nari hafi yo kwibaruka, rero jewe sinatahura ivyariko biraba, kandi sinavyitaho".
Jamie Lynn abandanya avuga ko mushikiwe yamwegereye akamusaba nimba "yoshobora kumukurikiranira abahungu biwe bakaronka ivyo bakeneye", ivyo yamwemereye.
Abandanya ati: "Ariko, urazi ko maze kumenya ko abikiwe umutungo, numva umengo sinashaka kubigiramwo uruhara gushika kumbure aho azobiviramwo. Rero si jewe namucungira amafaranga yiwe canke ibintu nk'ivyo, rero nimba vyari bimeze uko harabaya ukutumvikana, ariko gusa uko vyoba vyaragenze kwose, nta ngingo nafashe yo kuvyinjiramwo".
Britney yishuye gute?
Aciye ku rubuga rwa Twitter, Britney yanditse ati: "Naravye muri terefone nca mbona ko mushikanje yatanze ico kiganiro mu kumenyekanisha igitabo ciwe.
"Ibintu bibiri vyambabaje mushikanje yavuze ni ingene avuga ko inyifato yanje yari iy'ubutabanga.
"Ntiyigeze aba hafi yanje mu myaka 15 iheze ico gihe... none mbega ni kubera iki twobizana atari uko ashaka kugurisha igitabo ciwe akoresheje izina ryanje".
Britney avuga kandi ko akibabajwe n'ingene Jamie Lynn aherutse gusubiramwo indirimbo ziwe zamamaye.
Uyu muririmvyi rurangiranwa wo mu mudiho wa pop w'imyaka 40 yanditse ati: "Ndazi ko abatari bake bashobora kuvyumva nk'ibitagira mvura, ariko nanditse indirimbo zanje nyinshi kandi mushikanje yari akiri uruhinja. Nta kintu na kimwe yari ashoboye gukora. Yama ahabwa ibintu vyose".
"Namye ndi umuntu mukuru. Vyose barabikoze barankinisha, nkiyicarira aho hanyuma nkabifata uko".
Yongerako ati: "Jamie Lynn, ndibaza ko ibintu ari vyiza n'igitabo cane".
None ibintu bimeze gute?
Jamie Lynn Spears nawe yahavuye yishura ku nyishu yatanzwe wa Britney, aho abwira abamukurikirana ku rubuga rwa Instagram ati: "N'ukuri, mvugishije ukuri, ibintu bivugwa nta kuri na gutoya kurimwo".
Avuga ko igitabo ciwe kiterekeye Britney gusa, ariko akongerako ati: "Gusa sinohava mpakana ngo mvuge ko ntari mwene Spears, kandi ko bimwe mu vyo nzi mushikanje abifisemwo uruhara".
Jamie Lynn, yamenyekanye canke mu rukurikirane rw'ibiganiro All That and Zoey 101 vy'imboneskakure Nickelodeon akaba yaranasohoye indirimbo yiwe, agaruka ku buzima bwiwe avuga ko bwabayemwo ibibazo bikomeye igihe kitari gito.
Yandika ati: "Namye nkorana umwete udasanzwe kuva mbere nkiri umuyabaga, kandi narashoboye kwubaka umwuga wanje n'aho nitwa ko ndi mutoya wa mushikanje.
"Si ndiko ndiyemera canke nishira hejuru, ariko ndiko mvuga ukuri kwanje kugira ngo nkire ibisebe mfise ku mutima, kugira ngo ibi bintu birangire hanyuma mbandanye nja imbere, kandi nipfuza ko na mushikanje yokora uko".