Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Egypt: Umwigisha yirukanywe ahowe gutamba azunza ibisusu, vyateje impari ku burenganzira bw'abagore
- Umwanditsi, Na Yolande Knell
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu karere k'Uburasirazuba bwo hagati
Mu Misiri, ireresi yakwiragiye cane y'umwigisha atamba azunza ibisusu yateje impari nyinshi mu gihugu cose ku bijanye n'uburenganzira bw'abagore hamwe n'imico ndangakaranga y'igihugu.
Aya Yousef yirukanywe mu kazi, umugabo wiwe nawe aca aramwirukana inyuma y'aho umugenzi wiwe amufatiye amashusho atamusavye uruhusha mu gihe bari mu musi mukuru wo ku kazi ku bwato bwo ku ruzi Nil/Nile.
Video imwerekana ariko atamba ajanisha umuziki n'abandi bagabo bakorana.
Intambo y'ubu bwoko batambisha inda bazunza n'ibisusu ivugwa ko ari iyo kuva mu gihe c'ubutegetsi bw'abafarawoni (pharaons) ariko akenshi muri kino gihe ntibibonwa neza ko abagore batambira ku mugaragaro (mu ruhame).
Iyi video y'uyu mugore Yousef yambaye igitambara co mu mutwe c'aba Islam n'ikanzu ifise amaboko maremare yambarwa mu ngendo zo mu mazi ku murango, isa n'izimenyerewe mu mibereho yo mu bihugu vyo mu burengero.
Ariko, kubera mu ndwi iheze yakwiragijwe ku mbuga hwaniro zo mu Barabu, yariyamirijwe n'abanya-Misiri bagendera ku mico ya kera.
Abamunegura bavuga ko yakoze ibiterasoni: "Vyerekana neza ibihe bibi turimwo!! Ikintu cose kiremewe", niko umwe mu bakoresha Twitter yanditse.
Uwundi nawe, asaba ko abategetsi babijejwe bafata ingingo, yanditse ati: "Indero igeze ahatemba mu Misiri".
Ishure ry'intango ryo mu ntara ya Dakahlia mu karere ka Delta du Nil/Nile Delta umugore Yousef yahora yigishako ryaciye rimwirukana, inyuma y'imyaka itari mike yari amaze yigisha ururimi rw'icarabu.
Yarahiye ararengwa ko atazigera asubira gutamba, avuga ko yaniyumviriye n'ivyo kwiyahura muri ayo makuba aherutse kumushikira.
Yabwiye abanyamakuru ati: "Iminota cumi namaze mu bwato ku ruzi Nil yaranyiciye ubuzima".
Abaharanira uburenganzira bw'abagore mu Misiri nabo nyene bariyamiriza iyi ngingo, bagashimangira ko uyu mwigisha ata caha na kimwe yakoze, ko ahubwo yazize agatotezo.
Mu kwifatanya nawe no mu kurwanira uburenganzira bwiwe, icegera c'umukuru w'irindi shure nawe yaciye ashira ku mbuga hwaniro amasanamu yiwe ariko aratamba ku bugeni bw'umukobwa wiwe.
Umukuru w'ishirahamwe riharanira agateka k'abagore, Egyptian Centre for Women's Rights, Dr Nihad Abu Qumsan, yaciye yemerera akazi madame Yousef mu biro iwe aca amusaba kujana amasezerano y'akazi afitaniye n'ubushikiranganji bw'indero kugira ngo yuguruze urubanza kw'iyirukanwa ryiwe.
Ibi bishobora kuba vyaciye bituma haba ukwisubirako. Abategetsi b'akarere baciye baha akazi madame Yousef kw'ishure rishasha.
Uyu mwigisha yisigura avuga ko habaye "ukumwinjirira mu buzima bwiwe bwite".
Avuga ko atatambiye mu kigo ca reta canke imbere y'abanyeshure, anavuga ko ategura kwitwarira umuntu yamufashe iyi video mu kwezi guheze.