Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US: Umugore yarwanye n'intambwe yo mu misozi yagomba irye umwana wiwe aramurokora
Umugore wo muri California yashoboye kurokora umwana wiwe w'umuhungu w'imyaka itanu yari atewe n'intambwe yo mu misozi (lion de montagne/mountain lion).
Uyo mwana yariko akinira hafi yo muhira, ahitwa Calabasas mu misozi ya Santa Monica mu burengero bwa Los Angeles, igihe iyo ntambwe yamusimbirako.
Iyo ntambwe yaciye imukwegera mu twatsi (gazon), ariko nyina wiwe yaciye asohoka atangura gukubita iyo ntambwe n'iminwe gushika aho irekura uyo mwana irata iromoka.
Mu nyuma abajejwe amashamba bahavuye babona iyo nyamaswa baca barayirasa.
Iyo ntambwe yarakomerekeje uyo mwana mu mutwe no mu gikiriza, ariko ubu ameze neza aho ariko aravurirwa mu bitaro i Los Angeles, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Associated Press.
Kapiteni Patrick Foy avugira igisata kijejwe ifi n'ibikoko vyo mw'ishamba muri California, yabwiye AP ko uyo muvyeyi yahabereye intwari ashobora kurokora uyo mwana wiwe.
Amaze gushika aho vyabereye, umwe mu bakozi b'ico gisata avuga ko yasanze intare isutamye mw'ishamba, yabanze amatwi iriko iratontoma, nk'uko iki gisata kibivuga.
Uyu mukozi yaciye ayica, kuko yibaza ko ari yo yoba yashatse kurya uyo mwana kubera ingene yari imeze kandi aho yari iri hakaba hari hafi y'aho vyabereye. Ibipimo vya DNA/ADN ni vyo vyagiye kwemeza ko ari yo nyene yashatse kwica uyo mwana.
Ntibikunze gushika aho intambwe zo mu misozi zitera abantu muri Amerika ya ruguru.
Abategetsi bavuga ko iyo ntambwe yari ikiri nto. Ikinyamakuru CBS kivuga ko abahinga bemeza ko yari iciga guhiga no kwirwanako.