Christine Ntahe: Menya uyu murundikazi yahawe agashimwe ka Kenn Allen Global Award

Christine Ntahe

Ahavuye isanamu, Christine Ntahe

Insiguro y'isanamu, Christine Ntahe avuga ko ubu afise abana bashika 200 yama afungurira imisi yose muhira iwe

Umupfasoni Christine Ntahe w'umurundikazi yahawe agashimwe mpuzamakungu ku bikorwa vyiwe vyo kwitangira uburenganzira bwa kiremwamuntu cane cane mu kwitaho abana bo mw'ibarabara.

Ni agashimwe ahawe nk'umukorerabushake n'ishirahamwe International Association for Volunteer Effort kitiriwe Kenn Allen Global Award kaje kwiyongera ku bundi butari buke amaze kuronka kubera ibi bikorwa vyiwe amazemwo imyaka irenga 25.

Christine Ntahe, Maman Dimanche nk'uko azwi cane i Bujumbura no mu gihugu, yabwiye BBC ko yatanguye gufasha abana bo mw'ibarabara mu 1994, igihe igihugu cari mu ndyane z'amoko zatanguye inyuma y'igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye mu 1993.

Ati: "Naciye ngerageza kuba hafi y'abana bo mw'ibarabara, mvuga nti nta mwana ategerezwa kuba mw'ibarabara, ibarabara ntirirera. Ntangura kubaba hafi igihe amasasu yari menshi mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu cose, jewe nkaba nahambije abana bo mw'ibarabara bo mu gisagara".

Mu mwaka wa 2000, umupfasoni Ntahe yashinze ishirahamwe Bon Geste ryo gufasha abana ba ntahonikora uhereye ku bana bo mw'ibarabara, impfuvyi n'abandi ba ntahonikora mu Burundi, igihugu cagiye gica mu ndyane zatumye biyongera.

Umupfasoni Ntahe avuga ko yatanguriye ku bana cumi bo mw'ibarabara, ubu akaba amaze kuramura abatari bake, mbere bamwe muri bo bahejeje amakaminuza, abandi bakaba baciga.

Avuga ko bitamworoheye kubera ibibazo vy'amoko vyari bihanze igihugu ico gihe kuko wewe yakira uwo ari we wese ataravye amamuko yiwe.

Ati: "Ndibuka ca gihe Uburundi bwari mu bihano, nahora ngenda kubatora n'amaguru hariya kuri Place de l'Indépendance [ikibanza citiriwe ukwikukira], tukaza n'amaguru, hari henshi twaca bakadutera amabuye, ntitwari tuzi abo ari bo".

Christine Ntahe

Ahavuye isanamu, Christine Ntahe

Ntahe avuga ko impande zompi zamurwanya kuko ata ruhande na rumwe rwemera ivyo akora.

Ati: "Irya ntambara yari iy'ubwoko hagati y'Abahutu n'Abatutsi. Hariho Abahutu bamwe bamwe bambwira bati ntitukwemera kuko ntamututsikazi n'umwe ashobora gukorera iciza umuhutu ataco ariko ararondera.

"Abatutsi nabo bamwe bamwe bakambwira bati 'umviriza, ivyo ukora vyose wiruka inyuma y'abo bana b'Abahutu, nibo bazoza kugukata umutwe'.

"Jewe rero nta hantu na hamwe nari mpagaze, uretse guhagararira ukuri, urukundo n'ugukorera Imana kuko nabona ko abana bariko bazira ubusa".

Ni ivyo bikorwa vyiwe vyo kwitangira abana vyamuhaye iritazirano rya "Maman Dimanche" rizwi cane i Bujumbura, avuga ko yahawe n'abo bana nyene asanzwe afasha.

Avuga ko muri kino gihe afise abana bashika amajana abiri yama afungurira imisi yose muhira iwe.

Kuva atanguye iki gikorwa, amaze kuramura amajana n'amajana, bamwe biga muri za kaminuza, zaba izo mu gihugu canke hanze, abandi nabo bakaba bakibandanya amashure mato n'ayisumbuye.

Ico aka gashimwe kavuze kuri we

"Ico babigiriye ntaco nzi, gusa barashimye, kandi iyo bashimye uvyakira uko. Jewe rero ni agashimwe kiyongera ku bundi, kuko n'umukuru w'igihugu yarampaye agashimwe mu 2012", niko Ntahe avuga.

Christine Ntahe

Ahavuye isanamu, Christine Ntahe

Ku bw'iwe, ivyo akora abikora nk'umuvyeyi arera abana biwe neza, hanyuma bakaramurwa.

Ati: "Ubundi nta muntu yategerezwa gushimirwa ariko arakora ico yategerezwa gukora, kuko nico Imana ituremera kw'isi, kugira umuntu afashe aho ari mu vyo ashobora.

"Mu mutima jewe nta kintu kinini nabona nkora co gushimirwa kuko mbona umengo hari vyinshi ntarakora.

"Ariko gusa ibi vyerekana ko ivyo nkora bishimwa n'ababibona, mu kuvyerekana bakabicisha muri utu dushimwe n'imfashanyo nkenke baza barafashisha".

Imigambi

Christine Ntahe avuga ko ata wundi mugambi afise uretse kubandanya afasha aba bana bo mw'ibarabara kuko babandanya biyongera.

Ati: "Jewe umugambi ni uwo kubandanya ndabakurikirana, nongera ndabafasha kugira ngo bashike ku ndoto zabo.

Ati: "Usanga abenshi ubabajije bavuga ko bashaka kwiga kugira ngo bazotere imbere. Bafise indoto, nanje indoto zanje ni ugushikana abo bana ku ndoto zabo".

Uretse abo yafashije i Bujumbura, ubu baharurwa mu majana ane, hari abandi bo muri komine Mutambu y'intara ya Bujumbura bashika ku 600 yafashije kubera iyo komine yabaye ikiririmbiro ry'intambara.

Ingorane

Christine Ntahe avuga ko ibibazo agira muri iki gikorwa ari vyinshi cane, cane cane bishingiye ku buryo, mu gihe "abana bo mw'ibarabara bakenera vyinshi kandi babandanya biyongera".

Ati: "Abo bana baguma biyongera, ivyo kubafungurira ntibikwira, abana ugasanga barwara nkabura uburyo bwo kubavuza, ibi vyose ni ingorane zikomeye mu gihe ari jewe jenyene nibako".

Ikibazo c'abana bo mw'ibarabara

Christine Ntahe arashima ingene reta yitayeho ikibazo c'abana bo mw'ibarabara, ariko akavuga ko hari ingorane nyinshi.

Hamaze kugeragezwa kenshi kuvana abo bana mw'ibarabara na cane cane mu gisagara ca Bujumbura, umwe wese akajanwa iyo akomoka kugira yitabweho n'abo aho avuka canke ubutegetsi bw'aho.

Madame Ntahe yemeza ko hari ibintu bitagenze neza kuko "abenshi muri bo baca bagaruka".

Ati: "Ntibaba bateguwe bikwiye, na cane cane abavyeyi babo, kuko abana bamaze umwanya munini mw'ibarabara, biragoye kubumvisha ko bosubira mu miryango yabo".

Christine Ntahe avuga ko ingorane nyamukuru ari uko hari abavyeyi barungika abana babo mw'ibarabara.

Christine Ntahe

Ahavuye isanamu, Christine Ntahe

Ati: "Hari umwana akubarira ati 'jewe ntaronse ibihumbi bitatu ku musi sintaha, mama ntankundira'. Ibaze rero abavyeyi baguma muhira bakarindira ko abana babo baja mw'ibarabara kubaronderera ibibabeshaho".

Mu gihe hari abagiriza reta n'amashirahamwe yitaho agateka k'abana ko ikibazo cabananiye, umupfasoni Ntahe wewe yagiriza abavyeyi ko ari bo ntambamyi nyamukuru mu twigoro two kubakura mw'ibarabara.

Ati: "Ni ukuri reta n'amashirahamwe bakora uko bashoboye ariko rero abavyeyi nabo ni intambamyi".

Icokorwa

Umupfasoni Ntahe arashima ibikorwa n'abajejwe agateka k'abana ariko agasaba reta gukora uko ishoboye igahimiriza abavyeyi bagakurikirana abana babo.

Ati: "Abatishoboye rwose reta ikabafasha, ibahimirize kugira baje mu mashirahamwe kugira ngo bashobore gufasha abana babo".

Atera akamo amashirahamwe afasha abana gushira hamwe inguvu kugira ngo bashobore gufasha aba bana.

Asaba reta ko yohimiriza abatware ku nzego zo hasi gukurikirana abana babo, bakamenya iyo buri mwana ari.