Bamwita Mama Dimanche, umupfasoni yiyemeje gufasha abana bo mw'ibarabara mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi

BBC yishimikije urukurikirane 100 Women, canke Abagore 100, rw'abakenyezi bakora ibidasanzwe kw'isi, yagendeye umukenyezi Christine Ntahe, umurundikazi batazira Mama Dimanche aba mu gisagara ca Bujumbura.
Uwo mupfasoni w'imyaka 69 amaze imyaka 25 afasha abana bo mw'ibara mu kubaronsa ivyo bafungura no kubajana kw'ishure.
Buri musi w'imana, abana bagera ku majana abiri bahoze mw'ibarabara batonda gufungura igihe c'isaha 6 z'umurango, ari naho havuye agatazirano "Mama Dimanche" canke Mama wo kuwa Mungu.
Kiretse abo baza gufungura muhira iwe, hari abandi bana bo muri mairie ya Bujumbura na Bujumbura rural bagera ku majana atandatu uwo mupfasoni aronsa ibikoresho vyo kw'ishure.
Christine Ntahe avuga ko ico gikorwa yagitanguye mu 1993, inyuma y'urupfu rwa Perezida Melchior Ndadaye.

Agira ati: "Natanguye mfasha abana 15 gusa. Ariko ubu ngenze mu majana. Igikorwa nkora ubwanje kirakomeye cane kandi kirafise akamaro kubera benshi mu bo mfasha ubu barateye imbere, hari abamaze amashure bari mubuzima butandukanye, hakaba n'abo usanga barubatse izabo.
"Iyumvire umuntu yahora mw'ibarabara mu nyumva akiga kaminuza akiyiheza. Ni ibintu bitangaje. Numva ndavyishimiye".
BBC yavuganye na Adrien Sibomana umwe mu bana Maman Dimanche yakuye mw'ibarabara bafise imyaka 5. Ubu afise imyaka 23 akaba ageze muri kaminuza.
Yagize ati: "Niga mu mwaka wa mbere muri kaminuza muri informatique. Kuba narahuye n'uyu muvyeyi ni nk'igitangaza. Namwigiyeko vyinshi harimwo urukundo no gufashanya.
"Nahisemwo rero kwiga informatique kubera nzi ubu buhinga ari bwo bugezweho bushobora gutuma ndonka ico nkora kimpa uburyo maze ngashobora nanje gufasha bandi".

Christine Ntahe kuva mu myaka ya 80, amaze kuronka ubushimwe butandukanye yahawe n'inzego z'igihugu, amashirahamwe mpuzamakungu n'ibihugu vya rutura nka za Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku kungene yitanga mu gufasha abagowe.
Muri 2014 na ho nyene umukuru w'igihugu c'u Burundi Petero Nkurunziza yamuhaye urupapuro bita certificat d'honneur.
Christine Ntahe yakoze kw'iradio y'igihugu c'u Burundi mu kiringo c'imyaka 30 aho yagiye arazezwa amabanga atandukanye harimwo no kugirisha ibiganiro vy'abana.
Ni we mupfasoni wa mbere mu Burundi yatanguye kwatirwa mu rwego rw'abashingantahe.










