Abana bari hagati y'imyaka 11-12 baragiriza abakuze gutukana ku mugaragaro

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abana basaba abantu bakuze kwubahana, mu gihe bane kw'icumi (41%) babonye abantu bakuze batukana muri aya mezi atandatu aheze nk'uko vyagaragaye mu matohoza.
Amatohoza yakozwe ku bana 1.001 bafise imyaka iri hagati ya 11 na 16 n'ishirahamwe rigwanya ugutukana, Anti-Bullying Alliance, rivuga ko ritewe umutima uhagaze n'igitigiri c'abana kibona abakuze bariko barerekana akarorero kabi.
Abana bari muri uwo mugwi bavuze ko abantu bakuze bigenza nabi amaso mu yandi, ku mbuga ngurukanabumenyi canke mu bimenyeshamakuru.
Abagera ku bice 97% bavuze ko bipfuza ko abakuze borushirizaho kwubahana hagati yabo.
Ayo matohoza ashizwe ahagaragara imbere y'uko hatangura isekeza ry'indwi riba buri mwaka ryo kwiyamiriza kuvuga nabi, ryatanguye kuri uyu wa mbere itariki 12 z'ukwezi kwa cumi na rimwe.
Ivyo bije inyuma y'amakuru avuga ko hari akamenyero ko kubwirana nabi mu bibanza vy'akazi bikomakomeye mu Bwongereza, harimwo no mu nama nshingamateka.
'Kwerekana urupfasoni'
Martha Evans, umukuru wa Anti-Bullying Alliance avuga ati:"Abana bafatira ku bavyeyi n'abantu bakuze akarorero ku nyifato nziza.
"Nimba igitigiri kinini c'abana bavuga ko babona abakuze batukana kandi batubahana hagati yabo, dutegerezwa kwibaza nimba abantu bakuze badashobora kugira akigoro mu kuba akarorero keza ku bana.
"Turizeye ko abantu bakuze co kimwe n'amashure abana bigamwo, bazoshira ku muzirikanyi icivugo ca 'hitamwo ukwubahana' muri iyi ndwi yahariwe ukugwanya kubwirana nabi, no kubishira mu ngiro igihe hagize ico utumvikanyeko n'uwundi.
"Ukuryagagurwa bishobora kwonona ubuzima bw'umwana, dutegerezwa misi yose kuraba inyifato yacu, na cane cane ku bana, kumenya neza guha ubutumwa bwiza abana burimwo urupfasoni."
Ayo matohoza yerekana kandi ko kimwe ca gatatu c'abana baryagaguwe muri aya mezi atandatu aheze.
Ariko hafi abo bana bose - nk'ibice 98% - bavuze ko ukwubahana ari ikintu gikomeye, banemera ko bishoboka kwubahana n'aho hoba hari ico mutumvikanako.
Ayo matohoza yakozwe ku bana 1.001 mu Bwongereza bafise hagati y'imyaka 11 na 16, mu kwezi kwa cumi.










