Abana banywa itabi n'inzoga bashobora kugira ingorane z'amagara ku myaka 17

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abana banywa itabi n'inzoga batuma udutsi twabo dutwara amaraso twononekara iyo bashikanye imyaka 17, nkuko vyashizwe ahabona n'icigwa cakozwe.
Mw'isuzuma ryakozwe, basanze udutsi twabo dutwara amaraso dukongatara hakiri kare.
Ivyo ngo bishobora gutuma umuntu afatwa mu buzima n'ingwara y'umutima n'iy'udutsi tuvomera amaraso mu bwonko.
Muri ico cigwa basanze udutsi dutwara amaraso tw'abana bahevye kunywa itabi n'inzoga dusubira mu buryo.
Abo bashakashatsi bakoze ico cigwa hagati y'i 2004 n'i 2008 ku bana 1266 b'imiryango.
Ico cigwa caratangajwe mu kinyamakuru "European Heart Journal".
Abakozweko itohoza bariganye ivy'iyo ngeso yo kunywa itabi n'inzoga ku myaka 13, 15 na 17, munyuma bapimwa ngo barabe ko udutsi twabo dutwara amaraso ("artères") twoba twarakongataye.
Babazwe ku:
- Amatabi bamaze kunywa mu buzima
- Imyaka batanguye kunywerako inzoga
Abanyoye amatabi arenga 100 bakanywa n'inzoga nyinshi nibo basanga udutsi twabo dutwara amaraso twarakongataye, kurusha abanyoye amatabi 20 n'amacupa abiri gusa ku munsi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwanditse icegeranyo c'ubwo bushakashatsi, Prof John Deanfield, wo mu kigo "UCL Institute of Cardiovascular Science" yavuze ati: "Mu bantu b'Ubwongereza bwa kino gihe twasanze kunywa itabi n'inzoga mu bakiri bato bituma udutsi dutwara amaraso dukongatara, bigatuma munyuma umuntu ashobora gufatwa n'ingwara ya "athérosclérose".
"Ariko twasanze kandi ko mu gihe abo bana bahagaritse kunywa itabi n'inzoga kare, ko utwo dutsi dutwara amaraso dusubira kuba nkuko twari tumeze ubwa mbere - bisigura ko hari uburyo bwo kubungabunga utwo dutsi kuva mu buto."
Dr Marietta Charakida, yakoresheje ubwo bushakashatsi mu kigo UCL Institute of Cardiovascular Science, yavuze ati: "Udutsi dutwara amaraso tugira ingorane hakiri kare mu buzima biturutse ku gutumura itabi no kunywa inzoga kandi ivyo bintu ukwo ari bibiri bironona cane.
"Naho ivyigwa vyerekanye ko abakiri bato bagabanije gutumura itabi muri ino myaka ya vuba, ubushakashatsi bwacu bwasanze umwe mu bana batanu banywa itabi ku myaka 17.
"Igihe abavyeyi banywa itabi, abana nabo nyene usanga baruhira kurinywa."
Prof Metin Avkiran, wo mu kigo "British Heart Foundation", ari mu batanze uburyo bwo gukora ubwo bushakashatsi, yabwiye BBC ko ingorane umuntu ahura nazo zishobora gutanga ikizere.
Agira ati: "Ntihararengerana ngo ibintu bishobore guhinduka ngo umuntu arokore ubuzima.
"Kino cigwa cerekana ko abakiri bato bashobora kugira ingorane z'udutsi dutwara amaraso, ivyo bigatuma umuntu yoshobora kugira ibibazo bikomeye mu buzima.
"Kuvavanura no kunywa itabi nico kintu ciza umuntu yokora ngo akingire umutima wiwe.
"Igihe unywa inzoga, gerageza nturenze urugero kandi ukurikize ibisabwa."











