Tanzania: Perezida Samia Suluhu Hassan ariyama abamunegura ku madeni yo hanze

    • Umwanditsi, Eagan Salla
    • Igikorwa, BBC News, Dar es Salaam

Umukuru w'igihugu ca Tanzania Samia Suluhu Hassan ariyamiriza akarwi k'abategetsi bo hejuru b'ico gihugu banegura reta yiwe ku madeni yasavye mu mashirahamwe yo hanze mu ntumbero yo kurangura imigambi y'iterambere.

Mw'ijambo yashikirije ari mu biro vy'umukuru w'igihugu rigacishwa ku mboneshakure, Perezida Samia Hassan arasigura akamaro k'amadeni mu kurangura imigambi y'iterambere ya reta.

Yariko arakira icegeranyo kivuye mu bushikiranganji butandukanye c'ukungene amafaranga agenewe kurwanya ikiza ca Covid-19 igihugu cahawe n'abatanga imfashanyo y'iterambere ariko arakoreshwa.

Perezida Samia avuga ko mu gihe ibindi bihugu bikoresha ayo mafaranga mu kugura ibikoresho vyo kwikingira nk'udupfukantoke n'udupfukamunwa, Tanzania yoyo yakoresheje mu bwitonzi ayo mafaranga mu gukomeza igisata c'amagara y'abantu no mu kwubaka amavuriro mashasha.

Aya mafaranga yafashije kandi kwubaka amasomero mashasha y'amashure n'ibigo vy'ukwigiramwo mu turere dutandukanye tw'igihugu.

Avuga ko yumva ko yahemukiwe n'abanegura reta yiwe kubona yakiriye aya madeni mvamahanga.

Ati: "Birababaje kubona umuntu wari wizigiye afise amabanga nk'ayo akomeye muri reta agukorera ivyo".

Ashikirije aya majambo inyuma y'umusi umwe umukuru w'inama nshingamateka, Job Ndugai, asavye imbabazi ku mugaragaro ku majambo yari aherutse gushikiriza, yafashwe ko yayabwiye reta ya Samia Hassan ku bijanye n'amadeni yo hanze.

Mu gihe yariko ashikiriza iri jambo, Perezida Samia Hassan yavuze ko amwe mu majambo yo kumunegura afitaniye isano n'amatora yo mu 2025, abatari bake bakaba babona ko azorondera kwitoreza ikindi kiringo.

Samia Hassan yashitse ku butegetsi mu ntango z'umwaka uheze inyuma y'urupfu rwa Perezida John Pombe Magufuli yari atanguye ikiringo ciwe kigira kabiri kikaba n'ica nyuma gitegekanywa n'ibwirizwashingiro.