France: Brigitte Macron agiye kwitwarira abakwiragiza ibinyoma ko yavutse afise igitsinagabo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Brigitte Macron agiye kwuguruza urubanza ku bamwagiriza, babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi, ko yavutse ari umuhungu mu nyuma agahinduza igitsina.
Uyu mupfasoni w'umukuru w'igihugu c'Ubufaransa yarasagirijwe ku mbuga hwaniro n'abakwiragiza ibinyoma, mu nyuma bigacishwa ku rubuga ngurukanabumenyi rw'abanyaporitike bagendera ku vyiyumviro vya kera (extrême droite/Far-right) mu kw'icenda, bigaca bikwiragizwa n'abamurwanya.
Ibi bihuha bivuga ko yavutse ari umuhungu kw'izina rya Jean-Michel Trogneux.
Iri zina ryarazungurutse cane ku mbuga hwaniro.
Umushingwamanza w'umupfasoni Macron - uyu akaba ari nyina w'abana batatu bakuze yavyaye ku wo bari bubakanye ubwa mbere - aremeza ko ariko arategura kwitwara.
Uyu mushingwamanza Jean Ennochi yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: "Yafashe ingingo yo kwuguruza urubanza, kandi biri mu nzira".
Ibi binyoma kuri uyu mupfasoni w'imyaka 68 vyakwiragijwe n'abatavuga rumwe n'umugabo wiwe, Perezida Emmanuel Macron, harimwo abo ku ruhande rwa extrême droite/Far-right, imirwi y'abarwanya incanco, hamwe n'abagendera ku vyiyumviro vya wa muhari QAnon.
Ibinyamakuru vy'Ubufaransa vyarakurikiranye inkuru yanditswe mu kinyamakuru ca extrême droite n'umugore yitwa Natacha Rey.
Nk'uko ikinyamakuru Libération kibitangaza, ngo iyi nkuru yahavuye isomwa n'abantu benshi cane inyuma yo gucishwa ku rubuga rwa YouTube rusanzwe rurabwa n'abantu benshi, bakanatanga ivyiyumviro vyabo kuri yo, muri vyo hakaba harimwo ibirwanya incanco, abaterekwa ivya Covid, hamwe n'ivy'abo ku ruhande rwa extrême droite.
Si bwo bwa mbere umupfasoni Macron atyozwa kuva umugabo wiwe atowe kuba umukuru w'igihugu mu 2017, aho abamurwanya bigeze kubatyoza ku kungene Emmanuel Macron yagiye kurongora umugore amusumvya imyaka 25 yose.

Ahavuye isanamu, ERIC FEFERBERG/AFP
Iri tyozwa rije mu gihe Ubufaransa bwitegurira amatora yo mu 2022.
Perezida Macron ntaravuga ku mugaragaro ko azokwitoreza ikiringo kigira kabiri, ariko abatari bake ni vyo biteze.
Ahanganye na Valérie Pécresse, umukandida wo ku ruhande rwa extrême droite wo mu mugambwe w'aba Repubulika, hamwe na Eric Zemmour, umunyamakuru wo ku mboneshakure azwi cane, akaba n'umwanditsi, na we nyene yiteze guserukira uruhande rw'abagendera ku vyiyumviro vya kera. ((extrême droite).










