'Turi babi', abapolisi bashasha ba Kenya birata

    • Umwanditsi, Na Mercy Juma
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Igipolisi ca Kenya kiriyamiriza ireresi yerekana akarwi k'abapolisi bashasha bari bahejeje ivyigwa bariko barirata ukuntu ari "babi".

Iyo reresi yarazungurutse cane ku mbuga hwaniro muri iki gihugu, ivyatumye abatari bake bagira impungenge.

Abarongoye igipolisi bavuga ko amajambo yabo ari "ubutabanga, adashobora kwihanganirwa kandi ko ari urwangara".

Iyi reresi ije gushimangira imbono y'abakenya batari bake babona ko bamwe mu bapolisi bashobora kwitwara nk'inkozi z'ikibi.

"Ibi ni byo, ibi ni byo... twarangije, turangije. Turahagararira, ibi ni ibiki? Beret itukura!" umwe muri aka karwi niko yumvikana avuga muri iyi reresi mu majambo akunze gukoreshwa muri Kenya, Sheng.

Umwe mu baboneka muri iyo reresi yumvikana avuga ati: "Ni ibi reri, ibi ni...twarangije, vyaheze. Turi ivyemezo, iki murakizi? Inkofero itukura".

Ubu turasohotse, twahejeje, ni twebwe rero turi babi! Pa! Pa! Pa! Bataillon 26! Turi babi".

Abakenya barakwiragije cane iyi reresi ku mbuga hwaniro, bamwe muri bo bakavuga ko yerekana akarwi k'abantu barajwe ishinga no gutera ubwoba hagukorera abanyagihugu.

Abandi bavuga ko aya majambo yerekana ko aka karwi kariko gatera ubwoba cane abanyagihugu ko kazobakorerako gahejeje ivyigwa.

Iyi reresi ije mu gihe ivy'abapolisi batoteza abanyagihugu muri Kenya bigenda vyiyongera, mu gihe hasigaye amezi make ngo igihugu cinjire mu matora.

Kenya ifise kahise karekare k'abapolisi bakoresha inguvu z'umurengera mu bikorwa vyabo vy'ugucungera umutekano, mbere rimwe na rimwe bikavamwo n'impfu, ariko ni gake abapolisi bakurikiranwa mu butungane.

Mw'itangazo, igipolisi kimenyesha ko kiriko kirasuzuma ivyabaye mu ntumbero yo gufata ingingo zikenewe kuri iyi reresi.

Igipolisi kivuga ko ibiri muri iyi reresi atari yo ntumbero ya General Service Unit (GSU), ishami ridasanzwe ry'igipolisi ca Kenya.

Ariko bamwe, baciye ku mbuga hwaniro, baragaya aya majambo.

Izi mpari zije inyuma y'aho umupolisi wa Kenya yiciye umugore wiwe n'abandi bantu batanu abarashe akoresheje inkoho ya kalashnikov (AK-47).