Burundi - Croix rouge: Bamwe mu banyororo barokotse umuriro baraye mu mahema ku kibuga

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
Bamwe mu banyororo bo mw'ibohero rya Gitega barokotse umuriro baraye ku kibuga kiri muri iryo bohero mu mahema bafashishijwe n'ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge.
Désiré Bundoyi arongoye igisata kijejwe gukinga amasanganya no kugarukira ku bashikiwe n'impanuka mu muryango utabara imbabare Croix rouge, avuga ko batanze amahema ashika nko kuri 50.
Agira ati: "Twebwe turaramira gusa. Twatanze amahema 50 ashobora gusangira abantu bari hagati y'amajana atanu n'amajana atandatu. Abandi boba bashika amajana atatu ntibararonka aho baryama."
Abandanya avuga ko bariko baravugana na reta kugira barabe ko hokwubakwa amahangari ashobora gukwiramwo abo banyororo bose.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuriro wadutse mw'ibohero ryo ku mugwa mukuru wa politike w'u Burundi, Gitega, wahitanye abantu 38 hamwe n'abandi 69 bakomeretse nk'uko vyashikirijwe n'icegera c'umukuru w'igihugu Prosper Bazombanza yari yahishikiye kugarukira ku bagize ivyago.
Abajijwe ko igitigiri c'abapfuye kitarahinduka, Desire Bundoyi yamenyesheje ko ikiba kibaraje ishinga cihuta ari gutabara vyihuta ababa bagihema.
Agira ati: "Twebwe dutanga ubutabazi bwa mbere ku bahuye n'isanganya, nko guhagarika amaraso y'abantu bariko barava canke gufasha abavunitse."

Ahavuye isanamu, STRINGER
Umukuru w'u Burundi, Evariste Ndayishimiye, na we mu butumwa bwo kuri Twitter yarahojeje imiryango yaburiye muri iryo sanganya, avuga ko yipfuriza imisuhuko abakomeretse.
Icegera c'umukuru w'igihugu Prosper Bazombanza yamenyesheje ko mu maguru masha bagiye kwihutira kugarukira ku basizwe iheruheru n'uwo muriro mu kubaronsa uburaro n'imfungurwa.
Yavuze kandi ko abakomeretse ari reta izobavuza, kandi ko bagiye kuvugana n'umushikiranganji ajejwe inyukwa za reta kugira iryo bohero risanurwe.
Bubaye ubugira kabiri iryo bohero risha muri uyu mwaka.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa











