Burundi: Abanyamahanga bemerewe gusaba viza bashitse

Ahavuye isanamu, Alamy
Reta y'Uburundi yafashe ingingo yo gutangira viza ku kibuga c'indege ku banyamahanga bose baje mu muri ico gihugu ku mvo zitandukanye.
Ivyo biri mu rwandiko rw'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano bwasohoye ku musi wa gatanu igenekerezo rya 3 ukwezi kwa cumi na kabiri mu 2021.
Ubwo bushikiranganji buvuga ko "kubera ubuserukizi bw'Uburundi usanga buri kure ugereranije n'abanyamahanga bashaka kuza mu Burundi, muri iyi misi turonka abantu benshi bipfuza kwinjira mu Burundi no kurihira viza ku kibuga c'indege citiriwe Melchior Ndadaye, canke mu bindi bibanza vy'iyinjiriro."
Bubandanya bugira buti: "Ibisabwa bitwara igihe kinini bishobora guhagarika uruja n'uruza ku mbibe mu gihe ari ho hava ihanahana ry'ibidandazwa mpuzamakungu."
Muri iryo kete yandikiye mugenziwe ajejwe imigenderanire, Gen Gervais Ndirakobuca arongoye ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n'iterambere, amumenyesha ko bitagikenewe ko abanyamahanga babanza kwandikira ubwo bushikiranganji bashaka kuza mu Burundi.
Amubwira ati: "Abanyamahanga bafise impapuro zikwiye bashaka kuza mu Burundi, barafise uburenganzira bwo kurihira viza ku kibuga c'indege canke ahandi binjiriye bagishika."
Amakete y'abanyamahanga canke abarundi bakoresha impapuro z'inzira z'ibindi bihugu yo gusaba kwinjira mu Burundi, yahora yandikirwa ubushikiranganji bw'intwaro yo agati mu gihugu, umutekano n'iterambere, akigwa buri wa kabiri w'indwi.
Ariko hari imyidogo ko hari n'abamara indwi zibiri batararonka inyishu.
Mu karere ka Afrika y'ubuseruko EAC, Uburundi bubaye igihugu kigira kabiri gifashe ingingo nk'iyo inyuma y'Urwanda.
Ku mugabane wa Afrika, Seychelles, Benin na Gambia ni vyo vyonyene bidasaba viza ku bantu bose bipfuza kubijamwo.
Iyo ngingo yakiriwe gute?
Ku bahora baza mu Burundi barinze gusaba viza mu buserukizi bw'Uburundi butabegereye, bavuga ko iyo ngingo ari nziza cane.
Alfred akunda kuja mu Burundi akoresheje passport y'igihugu ca Suede agira ati: "Urungitse passport muri ambasade y'Uburundi i Berlin mu Budagi vyafata n'imuburiburi ukwezi kurenga kandi wariha viza ukongera ukariha n'amahera y'iposita z'iyo passport ama euro 25.
"Haba hariho n'ubwoba ko iyo passport shobora gutakara."
Yongerako ati: "Wanditse ikete ryo kurihira ku kibuga c'indege na ho, uretse ko biteba, ntivyari vyoroshe kuronka inyishu ya PAFE (Police de l'Air et des Frontieres et des Etrangers) udafise uwo utumayo kwishuza.
"Aho ni mu gihe ata ndege n'imwe iheza ikakwemerera kugutwara uterekanye iryo kete."
Uwundi atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yagize ati: "Ikindi kimenyetso co kwugurura imiryango. Gusaba kurihira ku kibuga c'indege vyaca mu bisata vyinsi cane imbere y'uko uvyemererwa".
Yongerako ati: "Ikibazo gisigaye n'uburyo bwo gufasha abarundi baba hanze kuronka passport batarinze kuja mu Burundi.".










