DR Congo: Vital Kamerhe yarekuwe vy’agateganyo

Ahavuye isanamu, Reuters
Sentare gasamburamanza muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo (DRC) yarekuye vy'agateganyo Vital Kamerhe yahoze arongoye ibiro vy'umukuru w'igihugu.
Radio Okapi yo muri DR Congo isubiramwo amakuru ava mu gisata c'ubutungane avuga ko yarekuwe abanje gutanga ingwati nini kandi abanje kwiyemeza ibitari bike.
Hagati aho, ategerezwa kubandanya yitaba sentare aho urubanza rwo kwunguruza ruzobandanya n'aho yarekuwe.
Vital Kamerhe yari umwe mu banyepolitike bakomeye cane muri ico gihugu kandi akaba ari umwishikira kwa Perezida Felix Tshisekedi, akaba mbere yaranagize uruhara mu runani rwatumye Perezida Tshisekedi ashika ku butegetsi.
Yahagaritswe mu kwa kane kw'umwaka uheze yagirizwa igiturire no kunyuruza amafaranga angana hafi imiliyoni 50 z'amadolari ya Amerika.
Ku wa 20 z'ukwa gatandatu 2020 sentare nkuru ya Kinshasa yamuciriye umunyororo w'imyaka 20 ku caha co kunyuruza umutungo w'igihugu, yakwa n'uburenganzira bwo gusubira kwitoreza uburongozi na bumwe canke ngo aronswe amabanga n'amwe mu butegetsi bw'igihugu mu kiringo c'imyaka 10 inyuma yo kurangiza uwo munyororo.
Mu kwa gatandatu kw'uyu mwaka, sentare y'iyungururizo yaramukuyeko icaha co kunyereza amafaranga, ariko ica itegeka ko imiriyoni indwi z'amadorari yari kuri konte yiwe mw'ibanki zifatwa.






