DR Congo: Vital Kamerhe aciriwe umunyororo w'imyaka 20 kubera igiturire n'inyuruzwa ry'amafaranga

Ahavuye isanamu, Reuters
Umuyobozi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, Vital Kamerhe yaraye aciriwe gupfungwa imyaka 20 kubera igiturire no kunyuruza amafaranga angana hafi imiliyoni 50 z'amadolari ya Amerika.
Kamerhe ni umwe mu banyepolitike bakomeye cane muri ico gihugu kandi akaba ari umwishikira kwa Perezida Felix Tshisekedi, akaba mbere yaranagize uruhara mu rurani rwatumye Perezida Tshisekedi ashika ku butegetsi.
Ayo mahera yari ayo kugura za nzu zisanzwe zikozwe ku buryo zishobora kwunguruzwa (préfabriquées) zari zigenewe abapolisi n'abasirikare, kimwe mu vyari kwerekanwa mu munsi mukuru w'aho perezida Tshisekedi yibuka iminsi 100 yari amaze ku butegetsi.
Abamuburanira bavuga ko batemera urwo rubanza kandi ko bagiye kwandikira urwandiko sentare.
Mu gihe sentare yasoma urwo rubanza, Vital Kamerhe yagumye atekanye kandi yitwengera umwanya wose.
Urwo rubanza ruvuga ko Kamerhe atemerewe kuzosubira kwitoreza uburongozi na bumwe canke ngo aronswe amabanga n'amwe mu butegetsi bw'igihugu mu kiringo c'imyaka 10 inyuma yo kurangiza uwo munyororo.
Sentare kandi izofata n'amatungo yiwe ari mu mabanki, co kimwe n'ay'umuryango wiwe, hamwe n'ivyo ivuga ko yaguze muri ayo mahera yagirizwa ko yanyuruje.
Kamerhe arahakana ivyo yagirizwa akavuga ko urwo rubanza rufise imvo za politike.
Jean Marie Kabengela Ilunga ari mu bamuburanira avuga ko iyo ngingo ya sentare ari ihonyangwa ry'agateka ka zinamuntu kandi ko ategerezwa kwunguruza.
Vital Kamerhe niwe mutegetsi wa mbere wo hejuru aciriwe urubanza yagirijwe kurya igiturire no kunyuruza amafaranga y'igihugu kuva Felix Tshisekedi ashikiriye ubutegetsi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uyo mutegetsi yarashigikiye cane Bwana Tshisekedi igihe yiyamamariza kurongora ico gihugu mu 2018. Ifatwa ryiwe ku wa 08 z'ukwezi kwa kane uno mwaka ryatangaje benshi cane haba mu butegetsi eka no mu gihugu cose.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu amaze igihe asaba perezida Tshisekedi gushira mu ngiro ivyo yemereye abanyagihugu mu gihe yiyamamaza, cane cane kurwanya igiturire n'inyuruzwa ry'amatungo y'igihugu.
Florimond Muteba wo mw'ishirahamwe ryishinze gucungera ingene leta ikoresha amatungo y'igihugu (Observatoire de la Dépense Publique), avuga ati: "Ni ukuri ndibaza ko iyo ari intambwe ikomeye mu ntambara yo kurwanya inyuruzwa ry'amatungo y'igihugu".
Umurwizatunga w'umunyalibani yategerezwa kugura izo nzu na we nyene yaciriwe umunyororo w'imyaka 20, kandi ko azoca yirukanwa mu gihugu arangije ico gihano.
Sentare kandi yaciriye umunyororo w'imyaka ibiri umukozi wo mu biro kwa perezida yategerezwa kuzana izo nzu azikura muri Turukiya azizana muri Congo.










