Wari uzi ko hakiri ibihugu Umwamikazi Elizabeth II ari we kizigenza?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku wa kabiri w'iyi ndwi, niho izinga rya Barbados ryikurako burundu intwaro ya cami, iba repubilika nshasha, gutyo ubutegetsi bw'Umwamikazi Elizabeth wa kabiri w'Ubwongereza muri ico gihugu buba burarangiye.
Ni umusi ntibagirwa muri iryo zinga rya Caraïbes / Caribbean, aho umushikiranganji wa mbere, Mia Motley, mu kiganiro yagiranye na BBC, yavuze ko "ari igihe ciza co kwiyambura intwaro ya gikoloni".
Umuganwa wa Wales yarishikiye muri Barbados ku wa mbere kugira ngo yitabire ibirori vyabereye mu kibanza citiriwe Intwari (National Heroes Square). Yagiye nk'uwuserukira Elizabeth II, ariko kandi nk'uwiteguriye kuzomusubirira mu kibanza c'umukuru w'umuryango wa Commonwealth, ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vyahoze bitwarwa n'Ubwongereza, Barbados ikaba ibandanya kuba umunyamuryango.
Rero n'aho yabaye Repubulika nshasha, Barbados izobandanya ari umunyamuryango w'ibihugu 53 bigize iri shirahamwe ry'ibihugu bisangiye kahise k'ubukoloni bw'Ubwongereza.
Umwamikazi Elizabeth wa kabiri niwe kizigenza muri 15 biri muri iryo shirahamwe. Ku wa mbere uheze, wari wo musi wa nyuma wiwe wo kurongora ico gihugu ca Barbados.
Ibi bihugu bizi Elizabeth II nk'umwamikazi wavyo vyinshi biri ku birometero birenga 15.000 uvuye ku kirimba ca Buckingham i Londres/London, izinga rya Tuvalu rikaba ari ryo riri kure cane rirongowe nawe, hagati mw'ibahari rya Indiano.
None ni kubera iki?
N'aho ibi bihugu bikirongowe n'Ubwongereza vyashikiriye intahe y'ukwikukira mu gihe c'isekeza ryo urondera intahe y'ukwikukira ryakurikiye ya ntambara ya kabiri y'isi yose, vyinshi muri ibi bihugu vyabandanije n'intwaro ya cami ishingiye kw'ibwirizwashingiro (monarchie constitutionnelle), bica bishima kugumana Elizabeth II nka kizigenza wavyo.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Vyinshi muri ibi bihugu ubisanga ku mugabane wa Amerika. Hafi vyose kandi ni amazinga yo mw'ibahari ya Caraïbes (Caribbean Sea), n'aho nyene ku rutonde harimwo igihugu kigira kabiri kw'isi yose mu bunini, iki kikaba ari Canada.
Mu bindi bihugu harimwo: Antigua-et-Barbuda, Bahamas, Belize, Grenada, Jamaica, Saint-Christophe-et-Niévès , Sainte-Lucie, na Saint-Vincent-et-les-Grenadines.
Umwami/umwamikazi w'Ubwongereza ni we kandi « kimenyetso c'umuryango wigenga » w'ibi bihugu 53 vya Commonwealth, n'aho kuba muri iri shirahamwe bidasigura ko utegerezwa kugendera ku mategeko y'Ubwami bw'Ubwongereza. Ibi bisigura ko, muri iri shirahamwe, ni we mutegetsi mukuru, ariko si ukuvuga ko ategerezwa kuba umwami/umwamikazi wavyo.
Ku rutonde rw'ibi bihugu kandi, hiyongerako ivyitwa « ubutaka bw'Ubwongereza buri ku rundi ruhande rw'ibahari » (ni ukuvuga Territoires britanniques d'outre-mer /British overseas territories), ibi bikaba bigizwe n'ibihugu bigitwarwa gikoloni, bitigeze bironka intahe y'ukwikukira.
Mu burengerwo bw'isi, urutonde rw'ibi bihugu ruriko Malvinas / Îles Malouines, hamwe na Anguilla, Bermudes, Îles Vierges britanniques, Îles Caïmans, Montserrat ; hamwe n'amazinga ya Turques et Caïques.

Kubera bigendera ku ntwaro ya cami ishingiye kw'ibwirizwashingiro, ubutegetsi bwa Elizabeth II ahanini usanga ari ikimenyetso gusa (symbolique&représentatif), kandi bukavana n'ico amategeko avuga muri buri gihugu.
Ariko n'imbere y'uko Barbados yiyonkora, Umwamikazi hari ibihe yagiye ahakwa gutakaza ubu butegetsi bwiwe muri kimwe muri ibi bihugu.
Mu 2016, Buramatari mukuru wa Jamaica Patrick Allen yasavye ko ibwirizwashingiro ryohinduka kugira ngo «Nyen'Iteka Umwamikazi asubirizwe n'umukuru w'igihugu adafise ubutegetsi, akitwa kizigenza w'igihugu ».
Ariko, mu gihe ibi bitarashobora kuba, Umwamikazi w'Ubwongereza azobandanya ari kizigenza w'Ubwongereza n'uwo ibindi bihugu 15.










