Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Alice Sebold yasavye imbabazi umugabo yabesheye ko yamusambanije ku nguvu agapfungwa imyaka 16
Umwanditsi w'umunyamerikakazi Alice Sebold yasavye imbabazi ku ruhara yagize mw'ipfungwa ry'umugabo yejejwe mu ndwi iheze yamwagirije ko yamusambanije ku nguvu mu 1981.
Mu gitabo ciwe, Lucky, Alice yavuze ko yasambanijwe nguvu mu nyuma abwira igipolisi ko yabonye umugabo w'umwirabure mw'ibarabara aca yibaza ko ari we yari yamukoreye ico caha.
Anthony Broadwater yarahagaritswe acirirwa urubanza, ivyatumye amara imyaka 16 mw'ibohero.
Itangazo ryasohowe n'abashingwamanza ba Broadwater, rivuga ko yumva anezerewe "no kubona uyu mugore asaba imbabazi".
Mw'itangazo ryo gusaba imbabazi, Sebold avuga ati: "Ndasavye imbabazi cane cane kubera ubuzima wari kugira wabutakaje ku karenganyo, kandi ndazi ko ata mbabazi zishobora guhindura ivyakubayeko vyose, ibi ntibizigera bisubira".
Igitabo ciwe kivuga ingene yatewe afise imyaka 18, ico gihe akaba yiga kw'ishure kaminuza ya Syracuse i New York.
Haciye amezi make, yavuze ko yabonye umugabo w'imwirabure mw'ibarabara yibajije ko ari we yari yamusambanije ku nguvu, ariko guca atabaza igipolisi.
Umupolisi yaciye ahagarika Broadwater yavugwa ko yari muri ako karere ico gihe.
Amaze guhagarikwa, vyaranse ko Sebold amukura mu minwe y'igipolisi, aca adoma urutoke ku wundi mugabo. Ariko n'aho vyagenze uko, Broadwater yaraciriwe urubanza bisunze ivyo uyo mugore yari yavuze hamwe n'umwihwezo wakozwe ku mushatsi wiwe.
Inyuma yo kurekurwa mu 1998, Broadwater yagumijwe ku rutonde rw'abantu bakora ihohotera rishingiye ku gitsina.
Yagiye gukurwako icaha ku wa 22 z'ukwezi kwa cumi na rimwe guheze basubiyemwo urubanza bagasanga ko yagiriwe n'icaha ku birego bidafashe.
Amaze kwumva iyi nkuru, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AP ko yaciye aturikisha ararira "kubera umunezero".
Mw'itangazo ryiwe, Sebold avuga ko amaze imisi umunani iheze agerageza "gutahura ingene ibi bintu bishobora kuba vyaragenze".
Yongerako ati: "Ikindi kimbabaje ni uko uwamusambanije ku nguvu, uko bigenda kwose, atazokwigera amenyekana, afise kuba yabandanije asambanya abandi bagore ku nguvu, mbere nta nkeka ko atazigera afatwa ngo apfungwe kugira amare igihe Broadwater yamaze mw'ibohero".
Igitabo Lucky cagurishijwe kopi zirenga umuriyoni mbere gituma Sebold aba umwanditsi akomeye, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Variety.
Yarananditse n'ikindi gitabo, The Lovely Bones, cagiye kuvamwo ireresi yakinywe na Peter Jackson ikanashirwa ku rutonde rw'udushimwe twa Oscars.