Covid: Ubwoko bwa Omicron bwari muri Netherlands kare kurusha uko vyibazwa

Amsterdam Schiphol International Airport

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Vyari vyatanguye kwibazwa ko indege zibiri zashitse zivuye muri Afrika y'Epfo ku wa mungu ari zo zari zazanye abantu ba mbere banduye ubwo bwoko bushasha muri Hollande.

Ubwoko bushasha bwa Covid-19, Omicron, bwari busanzwe buriho muri Hollande (Netherlands) imbere y'uko butorwa ahandi, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Bwatowe mu bipimo bibiri vyafashwe muri ico gihugu hagati y'amatariki ya 19 na 23 z'ukwezi kwa Munyonyo (ukwa 11), aho hakaba ari imbere y'uko Afrika y'Epfo itangaza ko yabubonye.

Ntibizwi niba abapimwe bari baragize ingendo muri Afrika y'Epfo.

Vyari vyatanguye kwibazwa ko indege zibiri zashitse zivuye muri Afrika y'Epfo ku wa mungu ari zo zari zazanye abantu ba mbere banduye ubwo bwoko bushasha muri Hollande.

Abantu 14 bari muri izo ndege zashikiye ku murwa mukuru, Amsterdam, baratowemwo Omicron mu bantu 61 batowemwo umugera wa corona.

Ibimaze kumenyekana vyerekana ko Omicron itera ivyago vyinshi vyo gusubira kuyandura.

Ariko, naho ivyo bipimo vyerekana ko Omicron yari muri Hollande kare kuruta uko vyibazwa, ntivyafashwe imbere y'ivyo muri Afrika yo mu Bumanuko. Ubwo bwoko bushasha bwatowe ku gipimo cafashwe itariki 9 za Munyonyo (ukwa 11) ku bw' Ishami rya ONU riraba amagara kw'isi OMS (WHO).

Ariko abahinga bavuga ko bizofata nk'indwi zitatu imbere y'uko hamenyekana ingene ubwo bwoko bwihinduye cane bwigenza ku ncanco zari zimaze gutunganywa gushika ubu.

Hagati aho, abategetsi ba Hollande, bariko bararondera ingene boronka bakanapima ibihumbi vy'ingenzi bagize ingendo zo kuva muri Afrika y'Epfpo, Botswana, Eswatini, Lesotho, Mozambique, Namibia na Zimbabwe.

Amerika, Canada, Ubwongereza n'Ishirahamwe rya Buraya vyose vyarahagaritse ingendo z'indege zivuye muri ivyo bihugu kubera ubwoba bw'ubwo bwoko bushasha.

Perezida Cyril Ramaphosa wa Africa y'Epfo mu Budage mu kwezi kwa munani 2021

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umukuru wa Afrika y'Epfo Cyril Ramaphosa avuga ko ako karere kose kakorewe ivangura ridakwiye na gato avuga ko kubuza indege bitazohagarika ikwirakwira ry'ubwo bwoko bushasha.

Ariko umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres yavuze ko "atewe umutima uhagaze cane" no kuba Afrika y'ububumanuko yahariwe ivomo (yashizwe mu kato) yongerako ko "abantu bo muri Afrika badakwiye gutabwako ishavyu ry'akamaramaza k'ingene urugero rwo kuronka incanco ruri hasi cane".

Umukuru wa Afrika y'Epfo Cyril Ramaphosa avuga ko ako karere kose kakorewe ivangura ridakwiye na gato avuga ko kubuza indege bitazohagarika ikwirakwira ry'ubwo bwoko bushasha.

Itangazo ryo mu bushikiranganji bw'imigenderanire naryo ryavuze ko ukubuza ingendo "bibaye nko guhana Afrika y'Epfo ku bushobozi bwayo bwo gupima no gutora ubwoko bushasha yihuse kurusha ibindi".

Rivuga riti "ubumenye bukora neza cane bwari bukwiye gukomerwa amashi aho guhanwa."