India: Amashure yose i Delhi yugawe kubera imyuka mibi yuzuye ikirere

Delhi pollution

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuva ku musi mukuru wa Diwali, amabarabara ya Delhi apfutswe n'igipfungu c'imyuka mibi

Abategetsi ku mugwa mukuru w'Ubuhindi, Delhi, bugaye amashure matomato, ayisumbuye na kaminuza mu kiringo kitazwi kubera imyuka mibi yonona ikirere igenda yiyongera.

Ibikorwa vy'ubwubatsi navyo nyene vyahagaritswe gushika ku wa 21 z'uku kwa cumi na rimwe, ariko ibikorwa bijanye no kwunguruza abantu no kwivuna abansi vyemerewe kubandanya.

Ibigo bitanu kuri 11 bitanga umuyagankuba uva mu bizuku (charbon/coal) muri ico gisagara ni vyo vyonyene vyemerewe kubandanya ibikorwa.

Ivyotsi vyokera vyakwiragiye mu gisagara ca Delhi kuva ku musi mukuru wa Diwali.

Urugero rw'ivyuka vya PM2.5 - ubwoko bw'ivumbi ishobora kuzibira amahaha - i Delhi ruri ku rugero runini cane gusumba urwemewe n'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y'abantu, OMS/WHO.

Ejo ku wa kabiri, uturere tutari duke tw'igisagara twatangaje ko twari ku rugero rwegereje canke mbere rusumba 400, ibi bigasigura ko "ibintu vyarenze inkombe".

Urugero ruri hagati ya 0 na 50 rufatwa ko "ata ngorane rutera", hanyuma hagati ya 51 na 100 ko ruba rubayabaye, nk'uko bivugwa n'ikigo kijejwe imyuka, AQI.

Hari amashure amwe yari yamaze kwugara mu ndwi iheze kubera ibi vyuka bibi, reta ya Delhi ikavuga ko iriko irihweza ingene yokwugara igisagara cose kugira ngo ikirere gitonganuke, inyuma yo kwizizirwa n'ivyuka bihumanya.

Uruvangatirane rw'ivyuka birekurwa n'amamodoka hamwe n'amahinguriro, inkungugu n'ibivumbuzi rutuma Delhi iba igisagara ca mbere kw'isi gicafuye gusumba ibindi.

Ikirere gikunze guterwa n'ivyuka bibi cane cane mu mezi y'urushana kuko ari igihe izindi ntara zegeranye nayo ziba ziriko ziraturira ibisigazwa vy'indimo.

Ivyotero n'ibiturika biturirwa mu misi mikuru ya Diwali (feus d'artifice/fireworks), biza vyunyura ikirere kiba camaze gucafura.

Umuvuduko muto w'imiyaga nawo nyene ubifisemwo uruhara kubera ituma iyi micafu iguma itembera hafi cane y'urusirusi.

Haraciye iminsi Delhi itewe n'imyuka mibi igenda yongereza ububi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Haraciye iminsi Delhi itewe n'imyuka mibi igenda yongereza ububi

Uno mwaka, ikirere caracafuye bikomeye ku buryo sentare nkuru y'igihugu y'Ubuhindi yagabishije, itera akamo inzego z'intara n'igihugu gufata ingingo zikomeye zihutirwa zo guhangana n'iki kibazo.

Umurwi wa Delhi ujejwe kubungabunga ikirere waciye ukorana, ufata ngingo zihutirwa.

Zimwe mu ngingo zafashwe n'uyu murwi harimwo kubuza amakamyo yinjira i Delhi hamwe no mu zindi ntara zisangiye urubibe nayo ari zo Uttar Pradesh, Punjab, Haryana na Rajasthan gushika ku wa 21 z'uku kwezi, kiretse ayazoba atwaye ibintu nkenerwa.

Uyu murwi kandi waciye utegeka Delhi hamwe n'izindi ntara "guhimiriza" ibisata vyigenga kwemerera ibice 50% vy'abakozi bavyo gukorera muhira muri kino kiringo kugira ngo bagabanye ivumbi n'ivyuka birekurwa n'amamodoka.

Ingorane yo kwonona ikirere mu Buhindi ntigarukira i Delhi honyene.

Ibisagara vy'Ubuhindi buri musi vyama biri imbere mu kwonona ikirere kw'isi, mu gihe imyuka mibi yica abantu barenga umuliyoni buri mwaka, nk'uko bivugwa n'ikigo c'abashakashatsi ba Amerika, Energy Policy Institute cegukira ishure kaminuza rya Chicago (EPIC).

Iki kigo congerako y'uko uburaruko bw'Ubuhindi buhema "impemu mbi ku ncuro cumi gusumba ibindi bice vyose vy'isi", mbere ikaba igenda ikwiragira no mu tundi turere tw'igihugu.