Ihindagurika ry'ibihe: Ibikorwa vy'abantu bituma amashamba ahumanya ikirere

Ahavuye isanamu, Andreas Brink
- Umwanditsi, Na Victoria Gill
- Igikorwa, Umunyamakuru wa Science , BBC News
Cumi mu mashamba ya mbere akingiwe cane kw'isi ubu asigaye ari mu birekura umwuka wa carbone ( utuma ubushuhe bw'isi bwiyongera), kuko aguma atirurwa n'ibikorwa vy'abantu hanwe n'ihindagurika ry'ibihe.
Ubwo butumwa bw'uko hageze gukoma akaruru buva mu icigwa ku myuka ituma ubushuhe buduga irekurwa kandi imirwa n'amashamba ari ku rutonde rw'umurage w'isi wa UNESCO.
Cerekana ko amashamba 10 akingiwe yarekuye umwuka wa carbone (CO2) mwinshi kuruta uwo yarekura mu myaka 20 iheze.
Amashamba ari ku rutonde rw'umurage w'isi ari ku bwaguke bungana hafi ibihugu vya Ouganda na Kenya bifatanye.
Ariko kandi ico cigwa cerekana ko ayo mashamba y'umurage w'isi wa UNESCO ashika 257 ari hirya no hino kw'isi yose hamwe yakweze avana mu kirere miriyoni 190 z'amatoni ya CO2 buri mwaka.
Dr Tales Carvalho Resende wo muri UNESCO, ari mu banditse ico cegeranyo, avuga ati: "Ivyo bingana hafi ica kabiri c'umwuka urekurwa n'ibicanwa vy'Ubwongereza."
"Ubu turazi neza uruhara nta ngere ayo mashamba afise mu kuturinda ihindagurika ry'ibihe."

Ahavuye isanamu, David Geldhof
Bakoresheje amakuru bahabwa n'ibigendajuru (satellite) no kugenzura ayo mashamba ku rubuga, abashakashatsi bashoboye kugereranya umwuka wa carbone wasohotse n'uwakwezwe hagati ya 2001 na 2020.
Uretse guharura miriyaridi z'amatoni y'umwuka wasohowe n'uwakwezwe n'ayo mashamba, ubwo bushakashatsi bwerekanye kandi ingene bene ivyo bibanza bisugerejwe.
Bimwe muri ivyo bibanza vyakozwemwo ubwo bushakashatsi bikingiwe ku rugero rwo hejuru cane.
Biri mu bihabwa agaciro kubera uruhara bifitiye isi gutyo bikaba bikurikiranirwa hafi buri igihe.

Ahavuye isanamu, Hidehiro Otake
Ariko DR Carvalho Resende avuga ko biguma "bisugerejwe cane".
"Ica mbere kibigeramira n'uburimyi buguma butwara igice c'ayo mashamba, guca ibiti binyuranye n'amategeko -ivyo vyose bikaba ari ibikorwa vy'abantu.
"Ariko kandi twasanze hari ingeramizi ziva ku bihe- cane cane ku miriro yiyadukiza."
"Inzinguzingu y'akabi"
Muri iyi myaka ya vuba, ivyo Unesco yita "imiriro yiyadukiza itari bwigere iboneka, nko muri Siberie, Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Australia, vyatumye hatuma miriyoni z'ama toni ya CO2.
Dr Carvalho avuga ati : "N'inzinguzingu y'akabi."
"Hasohotse umwuka mwinshi wa carobone n'imiriro ica iba myinshi, ivyo bigasigura ko umwuka wa carbone uca uba mwishi. "
Kandi imiriro siyo yonyene igeramiye ibihe.
'Hageze gukoma akaruru'
Iguhuhusi Maria casambuye ibigeraranywa gushika ;ku 20% y'amashamba muri Morne Trois Pitons National Park muri Dominique mu 2017.
Dr Carvalho Resende avuga ati: "Muri iki cigwa harimwo ubutumwa bw'uko hageze gukoma akaruru."
"N'amashamba ya mbere mu gukingirwa kw'isi arageramiwe n'akaga k'ibirere.
"Rero, igikorwa [co kugabanya imyuka isukwa mu kirere] kirakenewe ubu kugira ayo mashamba -amashamba yose - abandanye kumira umwuka wa carbone, kandi ivyo bibanza bikomeze kuba ahaba ibinyabuzima bitandukanye.













