Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ghana: Inama nshingamateka iriko irihweza itegeko rihana abatinganyi
Umurwi w'inama nshingamateka ya Ghana watanguye kwumviriza impande zompi ku bijanye n'integuro y'itegeko rihana abatinganyi risanzwe ritabonwa kumwe mu gihugu.
Iri tegeko ritegekanya ko abari mu murwi w'abahuza ibitsina babisangiye (LGBT+) bahabwa umunyororo w'imyaka itanu, nayo ababamamaza n'ababavugira bagapfungwa imyaka cumi.
Umusi wa mbere batangura kwiga iyi nteguro ntivyari vyoroshe - aho umurwi w'ababashigikiye n'uwundi ubarwanya bateranye amajambo bikomeye kuri iri tegeko.
Iki gikorwa giha akaryo abantu n'imirwi itandukanye gushikiriza aho bahagaze ku bijanye n'integuro y'itegeko.
Ishirahamwe Coalition of Concerned Ghanaian Citizens (tugereranije mu Kirundi: urunani rw'abanya Ghana bafise ingorane) rivuga ko iyi nteguro iteye kubiri n'ibwirizwashingiro kubera ihonyanga uburenganzira bw'abari mu murwi w'abahuza ibitsina babisangiye (LGBT).
Hagati aho, inama nkuru y'ishengero rya Pentecote (Ghana Pentecostal Council) ivuga ko iyi nteguro igaragarza icipfuzo c'abanya Ghana benshi.
Ayandi mashirahamwe harimwo Amnesty International n'ibiro vy'uwuhagarariye ishirahamwe ONU yiteze gushikiriza aho ahagaze kuri iyi nteguro.
Integuro y'iri tegeko, rizwi nk'integuro y'itegeko ndangagaciro k'umuryango (Family Values/Valeurs Familiales), yashikanywe imbere y'inama nshingamateka um ntango z'uno mwaka.
Yaje inyuma y'aho ikigo c'abahuza ibitsina ku mugwa mukuru Accra cugururiwe ubwo nyene kigaca cugarwa.
Uguhuza ibitsina ku babisangiye cari gisanzwe ari ikintu gihanwa n'amategeko muri Ghana, aho uwufashwe apfungwa imyaka itatu. Integuro y'iri tegeko rishasha irondera gukomeza iryari rihari kandi rigashika kure.
Umuhinga wa ONU ajejwe agateka ka zina muntu aragabisha ko iri tegeko rishobora gukokeza ivangura n'itotezwa ry'uyu murwi w'inkehwa z'abahuza ibitsina babisangiye.