Wikileaks: Julian Assange yahawe uruhusha rwo kurongorera umukunzi wiwe mw'ibohero

Julian Assange n'umukunzi wiwe Stella Moris

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Julian Assange n'umukunzi wiwe Stella Moris

Julian Assange yahawe uruhusha rwo kurongorera umukunzi wiwe Stella Moris mw'ibohero rya Belmarsh, nk'uko amakuru BBC yahawe abivuga.

Uyu mugabo yatanguje urubuga rwa Wikileaks hamwe n'umupfasoni Moris basanzwe bafitaniye abana babiri b'abahungu, uyu mupfasoni akavuga ko babavyaye igihe Assange yari akiba mu biro vy'ubuserukizi bwa Equateur/Ecuador mu Bwongereza.

Abarongoye ibohero bavuga ko ivyo Assange yasavye "vyihwejwe mu buryo busanzwe n'umukuru w'iri bohero".

Umupfasoni Moris yabwiye ikinyamakuru PA co mu Bwongereza ko "anezerejwe n'uko ukuri kwatsinze".

Yongerako ati: "Nibaza ko ata wundi muntu azosubira kwivanga mu bijanye n'ubukwe bwacu".

Itegeko rigenga ukwubakana ryo mu 1983 (Marriages Act 1983) riremerera abapfungwa gusaba kurongorera mw'ibohero, uwusavye akemererwa agategerezwa kwirihira ivya nkenerwa vyose, ata kintu na kimwe asavye reta.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Mail on Sunday mu mwaka uheze, umupfasoni Moris, umunyamategeko yavukiye muri Afrika y'Epfo, yatangaje ko yari asanzwe afitaniye imigenderanire na Assange kuva mu 2015 kandi ko yabandanije arera abana bavyaranye wenyene.

Mw'ireresi yacishijwe kuri konte ya Wikileaks ku rubuga rwa YouTube, avuga ko yatanguye kubonana na Assange mu 2011 igiye yinjira mu murwi wiwe w'abanyamategeko.

Umupfasoni Moris avuga kandi ko n'igihe yari mu biro vy'ubuserukizi yama aja ku muraba hafi imisi yose, ari naho yamenye "neza uw'ari we Julian".

Assange na Moris batanguye gukundana mu 2015, haciye imyaka ibiri baca bemeranya kuzorongorana.

Umupfasoni Moris avuga ko Assange yakurikiranye ivuka ry'aba bahungu biwe babiri akoresheje ubuhinga bwa videwo kandi ko bahora baja kuraba se wabo mu biro vy'ubuserukizi.

Assange, ubu afise imyaka 50, arabandanya urugamba rwo guhagarika ingingo yo kumujana muri Amerika, aho akurikiranwa ku vyaha vya maneko.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimukurikirana ku vyo yagirizwa ko yahawe amakuru y'ibanga ajanye n'ukwivuna abansi kandi agaca ayashira ahabona, ni inyuma y'aho Wikileaks isohoreye inzandiko ziharurwa mu bihumbi amajana zijanye n'intambara zo muri Afghanistan na Irak.

Mu makuru yashizwe ahabona harimwo ireresi yo mu kwa kane 2010 yerekana abasirikare ba Amerika barasa bakica abasivire bakoresheje kajugujugu muri Irak.

Uyu munya Australia ari mw'ibohero rya Belmarsh mu Bwongereza kuva mu 2019, igihe igipolisi c'iki gihugu kimusohoreye kikamuvana mu nyubakwa y'ubuserukiri bwa Equateur i Londres.

Yari yahungiye muri iyo nyubakwa kuva mu 2012 ahunga ingingo yo kumujana muri Suede, aho yari asanzwe aronderwa ku vyaha vyo gufata ku nguvu. Abandanya ahakana ivyo yagirizwa mbere bikaba bisa n'ivyafuswe.

Umuvugizi w'igisata kijejwe amabohero avuga ati: "Ivyasabwe na Assange vyarakiriwe, birihwezwa n'umukuru w'ibohero mu buryo busanzwe, nk'uko bisanzwe ku mufungwa uw'ari we wese".