Singapore: N'ubumuga bwo mu mutwe, Nagaenthran Dharmalingam agiye kunyongwa, umuryango uratakamba

Ahavuye isanamu, Sarmila Dharmalingam
- Umwanditsi, Na Yvette Tan
- Igikorwa, BBC News, Singapore
Sarmila Dharmalingam asenga asaba Imana ngo ikore ibitangaro. Musazawe, Nagaenthran Dharmalingam, yiteze kunyongwa aho apfungiwe mw'ibohero rya Changi muri Singapour/Singapore.
Biramutse bibaye, azoba ari we muntu wa mbere anyonzwe muri Singapour kuva mu 2019.
Yabwiye BBC ati: "Iyo ndi jenyene, nguma niyumvira musazanje, numva umubabaro. Ariko ni ngobmwa ko turya umutimamenyo tukabandanya dusenga - ic'ari co cose kirashoboka".
Nagaenthran yari yiteze kunyongwa ejo ku wa gatatu mu gatondo, ariko ku munota wa nyuma yongerejweko umusi. Sentare y'iyungururizo yategerezwa gutanga ingingo ya nyuma kuri uyu wa kabiri.
Mu 2009, Nagaenthran - ico gihe yari afise imyaka 21 - yafashwe ariko agerageza kwinjiza ikiyayuramutwe ca heroin muri Singapour agikuye muri Malaysia.
Uyu munya Malaysia yaciriwe urubanza rwo gupfa, n'aho ibipimo vyo kwa muganga vyerekana ko yari afise ubumuga bwo mu mutwe kuko afise igipimo c'ubwenge (IQ/QI) kingana na 69, urugero rufatwa ko umuntu aba afise ubumuga bwo mu mutwe.
Ariko reta ya Singapour yoyo ivuga ko yasanze uyo mugabo "yari azi neza ivyo yariko arakora kandi ko yari afise ubushobozi bwo kumenya nimba ivyo yariko arakora vyari vyiza canke bibi".
Singapour ni kimwe mu bihugu bifise amategeko arengeje urugero, kandi igihano c'urupfu muri iki gihugu kirashigikiwe cane. Ariko uru rubanza rusa n'urwateje umwikomo muri iryo zinga ryo mw'ibahari Pasifike.
Urubanza rwateje uburakari
Abantu barenga 60.000 bateye igikumu ku rwandiko basaba ko umukuru w'igihugu ca Singapour yogirira imbabazi Nagaenthran, bakavuga ko kunyonga umuntu afise ibibazo vyo mu mutwe bitemewe mu mategeko mpuzamakungu ajejwe gukingira agateka ka zina muntu.
Umwe mu bateye igikumu kuri urwo rwandiko ati: "Ni ikintu kibabaje cane kubona umuntu afise ubumuga bwo mu mutwe ahanirwa icaha atari ic'ubukozi bw'ikibi".
"Yaba we canke umuryano wiwe, nta n'umwe akwiye kuja muri uyu mubabaro. Ni ukuri mugarukire!"
Ku mbuga hwaniro, uru rubanza ruriko ruravugwa cane, aho abatari bake bagaragaza uburakari mu buryo butari bumenyerewe, bongera berekana impuhwe bamufitiye.
Sarmila avuga ko atazi neza nimba Nagaenthran we ubwiwe atahura ingene ibintu bimeze nabi cane.
Yabwiye BBC ati: "Rimwe na rimwe arampamagara akambwira ko agiye kunyongwa, kandi ko akeneye kuvyitegurira".
"[Ikindi gihe] Uza wumva avuze ngo ashaka gutaha muhira kugira ngo arye indya zitekewe muhira. Sinzi neza nimba azi canke atazi ibigiye kumubako".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubumuga bwo mu mutwe butabonwa kumwe
Mu 2009, Nagaenthran yafashwe ariko agerageza kwinjira muri Singapour avuye muri Malaysia afise igarama 42 (43g) za heroin yaziboheye kw'itako ry'ibubamfu.
Mu mategeko ya Singapour, abantu bose bafashwe bafise heroin irenza 15g bacirirwa urubanza rwo gupfa.
Mu gihe yariko arasambishwa muri sentare, yavuze ko yatewe igitsure mu kwikorera iki kiyayuramutwe, ariko mu nyuma aza kuvuga ko yakoze iki caha kubera yari akeneye amahera. Sentare ivuga ko ivyireguro vya mbere vyari "ivy'amanyanga". Yahavuye acirirwa urwo gupfa.
Mu 2015, yarunguruje maze aratezurirwa, ahabwa umunyororo w'ubuzima bwiwe bwose bisunze y'uko yari afise ubumuga bwo mu mutwe.
Mu 2017 umwe mu bahinga b'indwara zo mu mutwe, Dr Ken Ung, yavuze ko Nagaenthran yagize ibibazo vy'ubumuga bwo mu mutwe, ibibazo vy'ubukubaganyi hamwe n'ibibazo vy'inzoga nyinshi" - ibi vyose bishobora kuba "vyaratumye atiyumvira neza". Ariko mu bindi bipimo vyafashwe, Ung asa n'uwivuguruza mu kuvuga ko Nagaenthran ahubwo yoba afise ibibazo vy'ubwenge buke.
Mu gihe abandi bahinga b'indwara zo mu mutwe babwiye sentare ko Nagaenthran ata bibazo vy'ubumuga bwo mu mutwe yari afise, uwundi wewe yavuze ko "ingorane y'ubukehabwenge ishobora kuba yatumye yemera gukora ico caha".
Mu nyuma, sentare yasanze ko uyu mugabo ata bumuga bwo mu mutwe yari afise. Mu mwaka uheze, akamo katewe umukuru w'igihugu ko yomugirira imbabazi ntaco kashitseko.
Mw'itangazo, ubushikiranganji bwa Singapour bujejwe intwaro yo hagati bwavuze buti: "Sentare yasanze ko ibi yari amayeri y'inkozi y'ikibi, yari izi neza kwihweza inyungu n'inkurikizi z'iki caha".

Ahavuye isanamu, Sarmila Dharmalingam
Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina munti nka Amnesty International na Human Rights Watch ariyamiriza uru rubanza.
Rachel Chhoa-Howard, umushakashatsi wa Amnesty International muri Singapour, ati: "Kwaka abantu ubuzima ubwavyo ni ubugome, ariko kunyonga umuntu yagiriwe n'icaha co kuba afise ibiyayuramutwe, mu gihe hari ivyemezo ko ashobora kuba atanatahura neza ibiriko biramubako, ni agahomerabunwa".
'Sinashobora kumuraba mu maso'
Uru rubanza kandi rwarateje uburakari mu gihugu Nagaenthran akomokamwo ca Malaysia aho habaye imyiyerekano basaba ko inyongwa ryiwe rihagarikwa.
Umushikiranganj iwa mbere wa Malaysia Ismail Sabri Yaakob na we nyene ubwiwe yarituye mugenziwe wa Singapour.
Inyuma y'imyaka 10 aciriwe urwo gupfa, Sarmila yahavuye aronka ikete rirungitswe n'umukuru w'igisata kijejwe amabohero, rivuga ko inyongwa rya Nagaenthran ritegekanijwe ku wa 10 z'uwa cumi na rimwe.
"Sinashobora kuvyemera...nariko ndarira. Nararize umusi wose. Naratinye no kubibwira mama kubera asanzwe afise ibibazo vy'amagara. Sinashobora kumuraba mu maso".
Umuryango wahawe ikiringo c'indwi zibiri ngo utegure urugendo, ihoteri bazoshikiramwo hamwe n'ibipimo vya Covid, ibintu bategerezwa kuba bafise kugira ngo bashobore kwinjira muri Singapour. Abaharanira agateka ka zina muntu berekanye ibindi bibazo bijanye n'ingendo muri kino gihe c'ikiza karanda.
Kirsten Han, umwe mu baharanira agateka ka muntu akaba ari nawe yatanguje isekeza ryo kwegeranya amafaranga yo gufasha uyu muryango, yabwiye BBC ati: "Umuryango utegerezwa kurondera impapuro zemeza ibijanye n'amagara yabo, barondere ubwishingizi bw'ingendo, bironderere aho bazoba hamwe n'ibindi...kandi ni bo bategerezwa kuriha ibi vyose".
"Ni amafaranga menshi cane ku muryango wo muri Malaysia, mu gihe kandi hari ibindi bintu nkenerwa, harimwo n'ayashobora kuzokoreshwa ku maziko".
Muri iri sekeza barashoboye kwegeranya amadorari 12.000 y'abanyamerika. Sarmila avuga ko umuryango wiwe utari gushobora gushika muri Singapour iyo iyi mfashanyo itaboneka.
Uyu muryango washitse muri Singapour mu ndwi iheze. Sarmila wewe ntiyashoboye kugenda muri Singapour n'abandi banyamuryango, akavuga ko hari hakenewe uwusigarana umuhana.
Mu gihe atazoshobora kubona musazawe imbere y'uko anyongwa, avuga ko yama ariko arasenga imisi yose.










