Umukozi w'ubuserukizi bwa Russia mu Budagi yatowe ikiziga hafi ya ambasade yayo i Berlin

Ikiziga c'uyu mugabo catowe n'igipolisi gicungereye ikigo c'ubu buserukiri kiri ku mugwa mukuru Berlin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikiziga c'uyu mugabo catowe n'igipolisi gicungereye ikigo c'ubu buserukiri kiri ku mugwa mukuru Berlin

Umukozi wo mu biro vy'ubuserukizi bw'Uburusiya mu Budagi yatowe ikiziga mu kwezi guheze hanze y'ibiro vyabwo ku mugwa mukuru Berlin.

Ikiziga c'uyu mugabo catowe n'igipolisi gicungereye ikigo c'ubu buserukiri kiri ku mugwa mukuru Berlin ku wa 19 z'ukwezi kw'icumi guheze, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi, Der Spiegel.

Iki kinyamakuru congerako y'uko biboneka ko yakorotse ava ku nzu yo hejuru, ariko ntibigaragara neza ingene vyangeze.

Ibiro vy'ubuserukizi bw'Uburusiya bivuga ko urupfu rw'uyu mu diplomate - ariko atavuzwe izina - ari "isanganya ribabaje".

Ubushikiranganji bw'Ubudagi bujejwe imigenderanire buremeza urupfu rw'uyu mugabo ariko nta nsiguro zindi butanga.

Igiporisi i Berlin ntaco kiravuga ku mugaragaro ku bijanye n'uru rupfu rwagiye kumenyekana ubwa mbere ejo ku wa gatanu.

Amakuru avuga ko uyu mugabo yari afise imyaka 35 akaba yari umunyamabanga wa kabiri mu biro vy'ubuserukizi bw'Uburusiya.

Ikinyamakuru c'ubushakashatsi gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi Bellingcat kivuga ko cashoboye gukorera ku makuru yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi kiramenya ko uyu mugabo yari umuhungu w'icegera c'umukuru w'igisata kigira kabiri c'Uburusiya kijejwe igendereza, FSB.

Imbere y'aha, iki kinyamakuru caragirije iki gisata ko ari co cishe uwahoze arongoye inyeshamba zarwanya ubutegegetsi bwa Georgia, Zelimkhan Khangoshvili, yishwe arashwe mu mutwe i Berlin mu kwa munani 2019.

Ubudagi bwagiriza Uburusiya ko ari bwo bawategetse ko uyu mugabo yicwa.

Abategetsi ba FSB kandi baragirizwa ko ari bo bahaye isumu wa munyaporitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Vladimir Putin, Alexei Navalny mu 2020.

Nk'uko bivugwa na Der Spiegel, ibiro vy'ubuserukizi bw'Uburusiya i Berlin bwaranse ko hakorwa ivyigwa kuri iki kiziga kugira ngo bamenye ingene yapfuye.

Mw'itangazo bwasohoye, ubu buserukizi buvuga ko "ibikorwa bijanye no gutahukana ikiziga c'uyu mu diplomate ...vyatanguye bakoranye n'inyamiramabi hamwe n'abajejwe amagara y'abantu b'Ubudagi nk'uko bisanzwe bikorwa".

Ubu buserukizi buvuga ko "amajambo yanditswe mu binyamakuru bitari bike vyo mu bihugu vyo mu burengero" ku rupfu rw'uyu mu diplomate "ari ibinyoma vyambaye ubusa".