Russia: Perezida Putin avuga ko amatohoza kw'isumu yahawe Navalny ari 'amayeri'

Aciye ku buhinga bwa videwo, Perezida Vladimir Putin yaremesheje kuri uyu wa kane ikiganiro n'abamenyeshamakuru asanzwe agira buri umwaka

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Aciye ku buhinga bwa videwo, Perezida Vladimir Putin yaremesheje kuri uyu wa kane ikiganiro n'abamenyeshamakuru asanzwe agira buri umwaka

Umukuru w'igihugu c'Uburusiya Vladimir Putin abona ko amatohoza ariko akorwa ku bijanye n'ibivugwa ku Burusiya ko bwahaye isumu uwutavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe, Alexei Navalny, ari "amayeri".

Yagiriza Navalny ko akorana n'inzego z'igendereza za Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Perezida Putin yavuze ko "atari amatohoza", ko ahubwo ari "amayeri afise intego yo kurwanya abategetsi bo hejuru".

Urubuga ngurukanabumenyi rukora amatohoza rwo mu Bwongereza, Bellingcat, ruri kumwe n'ibindi binyamakuru, ruravugamwo abakozi mu kigo kijejwe igendereza c'Uburusiya (FSB).

Navalny yarahatswe guhitanwa n'isumu mu kwa munani uno mwaka, akaba yaramaze indwi zitari nke ariko avurirwa mu cumba c'indembe mu bitaro vy'i Berlin mu Budagi.

Abahinga bo mu bihugu vy'uburengero bw'isi bavuga ko isumu yo mu bwoko bwa Novichok yo mu Burusiya ari yo yakoreshejwe - bakavuga ko iyi ishobora kuba yavuye mu kigo cegukira reta.

Perezida Putin avuga ko ivyatangajwe n'ikinyamakuru Bellingcat na bigenzi vyaco ku wa mbere "vyashize ahabona gusa ibitangwa n'inzego z'igendereza za Amerika".

Ati: "Ibi bisigura ko uyu murwayi wo mu bitaro vya Berlin [Navalny] afashwe mu mugongo n'inzego z'igendereza za Amerika. Kuri ivyo, ni ngombwa ko inzego z'igendereza z'Uburusiya zitegerezwa kumukurikirana".

Yakengereye Navalny mu kuvuga ati "mbega ni iki ku bandi?" N'agatwengo, yavuze ko iyaba abategetsi b'Uburusiya bashaka kumuha isumu "kumbure baba barahejeje igikorwa".

Alexei Navalny yavuye mu bitaro mu kwezi kw'icenda inyuma y'ukwezi kurenga yari amaze avurwa

Ahavuye isanamu, Reuters/Instagram

Insiguro y'isanamu, Alexei Navalny yavuye mu bitaro mu kwezi kw'icenda inyuma y'ukwezi kurenga yari amaze avurwa

Navalny yagiriza ubutegetsi bwa Perezida Putin ko burangwa n'igiturire, amatohoza yiwe akaba yatumye amamiriyoni y'abantu bamukurikira ku mbuga hwaniro.

Asubiye kubazwa ku bijanye n'ikibazo ca Navalny, yavuze ati: "Turiteguriye amatohoza. Nta cemezo turaronka ku mugaragaro". Avuga kandi ko Uburusiya butarigera buronka amakuru ku bijanye n'iki kirwanisho c'ubumara kivugwa.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri televiziyo, Perezida Putin - ari ku butegetsi kuva mu 2000 - yavuze ko atarafata icemezp co gusubira kwitoreza kurongora ico gihugu mu 2024.

Imigenderanire na Amerika iracumbagira

Abajijwe ku matora yo muri Amerika, Perezida Putin yavuze ko imigenderanire y'Uburusiya na Washington "yaguye mu mporero" ya politike yo hagati mu gihugu muri Amerika.

Ati: "Turizeye ko umukuru w'igihugu wa Amerika aherutse gutorwa [Joe Biden] azotorera umuti ibi bibazo kuko asanzwe afise uburambe muri politike yo hagati mu gihugu na mpuzamakungu".

Uwabajije iki kibazo yamubajije igituma muri iki gihe aba "hackers" b'Abarusiya batafashije Donald Trump, nk'uko bavugwa ko babikoze mu 2016 - ivyiyamirizwa na Putin avuga ko ari "agasotoro".

"Nta ba hackers b'Abarusiya bafashije Perezida Trump, kandi ntibivanze muri ayo matora, ibi vyose ni amarementanya kugira ngo batobe imigenderanire yacu na Leta Zunze Ubumwe za Amerika".

Abajijwe ko hashobora kwaduka "iyindi ntambara y'ukwikekana" (Guerre Froide/Cold War), Putin yagirije Amerika ko ari yo yatumye amasezerano yo kugabanya ibirwanisho ruhonyanganda asambuka.

Avuga ko yiteguriye gusubira kuganira na Amerika kuri za misire z'ubumara mu mwaka uza. Ati "mu gihe ayo masezerano yohera nta kindi kizoba gisigaye".

Hagati aho, avuga ko Uburusiya bwakoze misire rutura Avangard - "ikirwanisho ata handi kirangwa". Ariko yongera ko y'uko amafaranga Uburusiya bushira mu gisata ca gisirikare ari make cane ugereranije n'aya Amerika, co kimwe no mu bindi bihugu bindi bine.