Russia nayo yirukanye abakora mu buserukizi bwa US mu kuyisubiriza mu ndumane

Ahavuye isanamu, EPA
Uburusiya bwirukanye abakora mu buserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika 10, abategetsi bakuru umunani ba Amerika nabo bashirwa ku rutonde rw'abatemerewe kwinjira muri ico gihugu, ingingo yafashwe mu kwihora Amerika ku bihano yabufatiye ku wa kane.
Muri abo bantu batemerewe kwinjira mu Burusiya harimwo umukuru w'igisata kijejwe igendereza FBI hamwe n'umushikirizamanza mukuru wa Amerika.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika, Maison Blanche/White House bivuga ko Amerika yafatiye ibi bihano Uburusiya kubera igitero co ku nyabwonko za "Solarwinds" mu mwaka uheze, itoteteza buriko bukorera Ukraine hamwe rero no kwivanga mu matora ya 2020.
Ibi bihano bije mu gihe hari icuka kibi hagati ya Washington na Moscou.
Uburusiya buherutse kwegereza abasirikare ibihumbi n'ibihumbi hafi ya Ukraine, mu gihe Amerika nayo iriko yegereza ibikoresho vy'intambara ku kiyaga cirabura (Mer Noire/Black Sea), ivyatumye umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya agabisha Amerika.
Mu kwezi guheze, Amerika yaragirije abategetsi indwi b'Uburusiya hamwe n'ibisata birenga cumi vya reta ko bifise uruhara mu guha isumu wa munyaporitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Vladimir Putin, Alexei Navalny.
Uburusiya buvuga ko ata ruhara bubifisemwo.
Hagati aho, Perezida Joe Biden wa Amerika aherutse gusaba mugenziwe w'Uburusiya Vladimir Putin ko bobonana - iciyumviro Moscou yakiriye neza ubu ikaba iriko iracihweza.
Ni bande bafatwa n'ibi bihano?
Moscou yategetse abakora mu buserukizi bwa Amerika cumi kuva mu gihugu. Yabujije kandi abategetsi umunani kwinjira mu gihugu. Muri aba harimwo:
- Umushikirizamanza mukuru wa Amerika, Merrick Garland
- Umukuru wa FBI, Christopher Wray
- Umuhanuzi mu vyerekeye imigambi y'igihugu, Susan Rice
Abakora mu buserukizi bwa Pologne batanu nabo nyene bategetswe gutekera imizigo yabo bakagenda, inyuma y'aho ico gihugu naco cirukaniye abategetsi batanu b'Uburusiya.
Hampande yo kwirukana cumi bakora mu buserukizi bw'Uburusiya, Amerika kandi iragiriza abategetsi hamwe n'inzego zegamiye reta 32 zagirizwa kugerageza kwivanga mu matora ya Amerika mu 2020 "no gukwiragiza amakuru atari yo".
Ibigo vya Amerika bijejwe ubutunzi navyo nyene vyabujijwe gusubira kugiriranira imigenderanire y'ubucuruzi n'ibigo bikoresha amafaranga y'ama 'roubles' (akoreshwa mu Burusiya) kuva mu kwa gatandatu.










