Alexei Navalny: Amerika yafatiye ibihano Abarusiya

Ahavuye isanamu, Reuters
Reta Zunze Ubumwe zatangaje ko zifatiye ibihano Abarusiya kubera irogwa ry'uwutavuga rumwe n'ubutegetsi Alexi Navaly.
Ivyo bihano vyafatiwe bamwe bamwe mu bategetsi bo muri reta n'ibigo bimwe bimwe, kandi babisezeranye n'ishirahamwe rya Buraya, nk'uko abategetsi ba Amerika babivuze.
Bavuze ko iperereza ry'abanyamerika ryatahuye ko reta y'Uburusiya ariyo yari inyuma y'uburozi bwahatswe kwica Navalny muri Siberie mu mwaka uheze.
Navaly niwe azwi cane mu bantu banegura ubutegetsi bwa Prezida Vladmir Putin.
Reta y'uburusiya irahakana kuba yaragize uruhara kandi ntiyemera ivyo abahinga b'ibigwanisho b'abanyaburaya batoye, ko ubwo burozi bwitwa Novichok bwakoreshejwe
Abategetsi ba Amerika bavuze iki?
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, bavuze ko ivyo bihano vyafatiwe abategetsi indwi b'Uburusiya n'ibigo 14 bifise uruhara mu guhingura uburozi. Nta do n'ido batanze.
"Kugerageza kwica Navalny gukurikira ingendo yo gukoresha uburozi ikoreshwa n'Uburusiya'', nk'uko vyavuzwe n'umnwe mu bategetsi.
Nivyo bihano vya mbere bifatiwe Uburusiya na reta ya Prezida Joe Biden.
Yafashe ingendo ikaze gusumba uwo yasubiriye Donald Trump ku vyerekeye Prezida Putin.
Amaze kuvugana kuri terefone na mugenzie w'Uburusiya mu kwezi guheze, Biden yavuze ko yasiguye atarya umunwa ko iminsi y'aho Amerika "yasuka uruho rw'amazi ku bikorwa vy'agasomborotso vy'Uburusiya, kwivanga mu matora,ubugizi bwa nabi buciye kuri interenet, guha uburozi abanyagihugu irangiye''.
Ishirahamwe rya Buraya ryo gute?
Mu buryo bakoze bumvikana, ishirahamwe rya Buraya ku wa kabiri ryatangaje ko ryafatiye ibihano abategetsi bane b'Uburusiya.
Barimwo Alexandr Kalashnikov,umukuru w'amabohero mu Burusiya, Alexandr Bastrykin, umukuru w'urwego rw'amatohoza, umushikirizamanza mukuru kizigenza Igor Krasnov, na Viktor Zolotov, umukuru w'ingabo zicungera inzego z'igihugu.
Ibihano birimwo kutemererwa kugira ingendo mu bihugu vyabifashe hamwe n'ugufatira ubutunzi bwabo.
Umunyamakuru wa BBC ari Bruxelles Kevin Connolly avuvga ko ivyo bihano vyabaye uguheberanira hagati y'ibihugu vyo mu kigobe ca Baltic, bibona Uburusiya nk'umubanyi abangamye, n'ibihugu- nk'Ubudagi - vyiyamabaza Uburusiya mu kugura umwuka (gaz).
Uburusiya bwavuze iki kuri izo ngingo?
Uburusiya bwari bwamaze kugira ico buvuga n'imbere y'uko Amerika n'Ishirahamwe rya Buraya batangaza izo ngingo.
Ministre w'Uburusiya ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov yari yavuze hakiri kare ko Abanyaburaya hari ivyo ''banyegeza vyofasha mu gutahura ivyashikiye'' Navalny kandi ko bafatiye ibihano Uburusiya mu karenganyo.
Yavuze ati: "Turamaze gushikiriza kenshi aho duhagaze ku bihano bitemewe...bifatwa na begenzi bacu bo muri Amerika n'abandi babafatirako akarorero, ishirahamwe rya Buraya.''
Yongeyoko ati reta yiwe izosubiriza mu ndumane ibihano vyose.
Navalny ni nde?
Umuntu asanzwe agwanya ibiturire, amaze igihe kirekire ariwe muntu wa mbere agaragara cane mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Putin.
Uwo mugabo w'imyaka 44 ashikiriza ivyiyumviro vyiwe ku rubuga rwa internet (blogger), afise abantu baharurwa muri za miriyoni bamukurikira ku mbuga hwaniro.
Yarashoboye gutuma bamwe mu bamushigikiye batorwa mu nama z'uburungozi muri Siberia mu 2020.
Yararozwe aca ata ubwenge (aja muri coma) ari mu ndege imujanye muri Siberie mu kwezi kw'umunani mu mwaka uheze. Yaciye ajanwa n'indege mu Budagi, aho yavuriwe agakira. Mu kwezi kwa mbere yafashe ingingo yo gusubira mu Burusiya aho yashitse afatwa acururuka indege.
Mu kwezi guheze sentare yashinze ko Navalny yarenze ku ngingo zo gutezurirwa akava mw'ibohero mu rundi rubanza rujanye no kunyuruza amafaranga mu kuba atitavye uwujejwe dosiye yiwe igihe yari kwivuza mu Budagi.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umunyororo wo kutamushira mw'ibohero waciye uhinduka uwo kuja mw'ibohero mu kiringo c'imyaka ibiri n'amezi atandatu.
Ku ndwi iheze niho yarungikwa mw'ibohero i Moscou gukora ico gihano.
Navalny n'abamushigikiye bavuga ko ivyo yagirizwa vyose ari irementanya. Prezida Biden n'ishirahamwe rya Buraya basavye ko yorekurwa ubwo nyene.










