COP26 - 0% y'ivyuka bihumanya: Intego ni 2050, India yoyo ivuga ko izobishobora mu 2070

Ubuhindi bwiyemeje guhagarika gusohora ivyuka bihumanya ikirere gushika kuri 0% imbere ya 2070 - ibitandukanye n'intego nyamukuru y'inama mpuzamakungu COP26 aho amahanga yose yiyemeza gushika kuri iyo ntumbero imbere ya 2050.

Umushikiranganji wa mbere Narendra Modi niwe yatangaje iki cemezo, ni ubwa mbere Ubuhindi bwihaye ikiringo ntarengwa co gutuza burundu ivyuka bihumanya ikirere, muri iyo nama iriko ibera i Glasgow muri Ecosse/Scortland.

Intego y'isi yo kugera kuri 0% mu kwohereza imyuka ihumanya ikirere mu 2050 (Net Zero), bisigura ko ata kuzosubira gusohora ibindi vyuka bibi bija guhumanya ikirere.

Ubushinwa butangaza ko bufise integuro y'uko bushika mu 2060 ata myuka ihumanya buzoba bugisohora, mu gihe Amerika n'ibihugu vy'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya bitegekanya ko gushika mu 2050 ata myuka mibi bizoba bigisohora,.

Uyu mutegetsi w'Ubuhindi ni umwe mu bategetsi barenga 120 b'isi bakoraniye muri iyi nama y'indwi zibiri i Glasgow.

Ejo ku wa mbere, abatari bake muri bo bashikirije amajambo berekana intego zabo bafise zo guhangana n'ikibazo c'ihindagurika ry'ikirere, harimwo n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson, Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, hamwe n'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungo ONU, António Guterres.

Perezida Biden avuga ko imisi yose isi yagiye iteba guhangana n'ikibazo c'ihindagurika ry'ikirere, bituma ingaruka ziyongera.

Ariko yabwiye abari muri iyo nama ko urugamba rwo kurwanya ubushuhe rwatanze amahirwe adasanzwe ku butunzi bw'isi.

Ubuhindi:igihugu kinini kidahumanya ugereranyije n'ibindi

Ubuhindi buza ku mwanya wa kane kw'isi mu bihugu bisohora ivyuka bihumanya ikirere (gaz carbonique/carbon dioxide), inyuma y'Ubushinwa, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya.

Ariko rero kubera ubwinshi bw'abantu iki gihugu gifise, bisigura ko gisohora ivyuka bike cane kuri buri muntu (per capita) ugereranije n'ibindi bihugu bitunze kw'isi.

Mu 2019, Ubuhindi bwasohoye ibi vyuka bihumanya ikirere (CO2) bingana n'itoni 1.9 kuri buri muntu, ugereranije n'itoni 15.5 kuri Amerika hamwe na 12.5 ku Burusiya muri uyo mwaka nyene.

Umushikiranganji Modi yatangaje ico cemezo nka kimwe muri bitanu igihugu ciwe ciyemeje kuzorangura.

Mu gihe iyi ntego yo kugera kuri 0% mu kwohereza imyuka ihumanya ikirere imbere ya 2070 ishobora kuba itanezereje abaharanira ibidukikije n'abahinga bakoraniye i Glasgow, Modi asa n'uwashimishije cane abanyagihugu b'igihugu ciwe.

Ubuhindi "bwashize neza na neza umupira mu minwe y'ibihugu biteye imbere kw'isi" mu gutangaza ko bugiye kwimbuka umuyagankuba utagira umwanda ungana na gigawatts 500.

Igice c'umuyagankuba uva mu masoko ntanganguvu adahumanya ikirere (énergie renouvelable), kugabanya ivyuka bihumanya ikirere gushika ku matoni umuriyaridi, hamwe no kugabanya urugero rw'ibi vyuka kuri buri muntu gushika kuri 45% imbere ya 2030, nk'uko bivugwa na Arunabha Ghosh, umuyobozi nshingwabikorwa w'Inama nkuru ijejwe amasoko ntanganguvu, ibidukikije n'amazi, ikigo nyamukuru giharanira gukingira ikirere.

"Iki rero ni igikorwa nyaco mu bijanye no gukingira ikirere. Ubu, Ubuhindi busaba kuronswa vuba bwango imiriyaridi igihumbi z'amadorari kugira ngo bushobore gukingira ikirere, kandi hampande yo gukurikirana ibikorwa bukozokurikirana n'ingene amafaranga atangwa".

Umunyamakuru wa BBC Vikas Pandey avuga ko umushikiranganji wa mbere asa n'uwashize aho abanyagihugu bashaka - akaba aboneka ko yitayeho cane ikibazo c'ihindagukira ry'ikirere adahungabanije ubutunzi bw'igihugu.

'Kwiyimbira icobo twebwe nyene'

Ijambo rya Modi ryakurikiye irindi ryari rikomeye cane ryashikirijwe n'umunyamabanga mukru wa ONU António Guterres.

Mu gihe asaba abantu kureka "gukoresha ibidukikije nk'akazu ka surwumwe", aranegura cane ibihugu bibandanya bikoresha ibizuku, avuga ko "turiko twiyimbira icobo twebwe nyene".

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson avuga ko abo muri kazoza "bazoducira urubanza rubi cane" mu gihe abari muri iyo nama bonanirwa no gufata ingingo nyazo zo kurwanya ihindagurika ry'ikirere.

Perezida Biden wa Amerika nawe akavuga ko ata "n'umwe muri twebwe ashobora guhunga ingaruka mbi ziri imbere mu gihe twonanirwa gukoresha neza aka kanya turonse".

Ariko hanze y'ahariko harabera iyi nama, abaharanira ibidukikije n'abari mu myiyerekano bihaye amabarabara y'iki gisagara kinini gusumba ibindi muri Ecosse basaba ko aba bategetsi b'isi bokora gusumba kugira ngo bakingire isi.

Wa muyabaga rurangiranwa aharanira ibidukikije Greta Thunberg yabwiye isinzi ryari muri iyo myiyerekano ko abanyaporitike bari muri iyo nama "bigira ngo bafashe kazoza nka nkama ariko atriko bimeze".

Akomerwa amashi menshi, uyu mwigeme ati: "Nta mpinduka zitezwe kuva muri iyo nama. Burya si ubuyobozi, Ubuyoboizi ni ubu. Ubuyobozi busa n'ubu".