Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DRC: Abanyeshure mu myiyerekano yo gusabira umushara abigisha
Kuir uyu wa kane abanyeshure amajana n'amajana bagize imyiyerekano mu nama nshingamateka ya Republika ya Demokrasi ya Congo basaba ko abigisha babo bongererezwa umushahara.
Abo banyeshure bari bitwaje amashami y'ibiti bongera baririmba "Dushaka kwiga" bakongera bati "Mu gihe tutokwiga, tuzonywa ibiyayuramutwe".
Imyiyerekano nkiyo kandi yabaye mu gisagara ca Beni mu buraruko bw'intara ya Kivu, nk'uko vyavuzwe n'iradiyo ya Onu - Radio Okapi.
Abigisha barahagaritse akazi kuva itariki zine z'ukwezi kwa cumi, umwaka w'ishure ugitangura, basaba ko bokwongererezwa umushahara no kugabanya imyaka yo kugira mu karuhuko k'izabukuru hamwe n'ibindi bibazo bitandukanye.
Reta yagiriza abakuru b'amadini basanzwe ari bo bafise amashure menshi matomato, ko batera intege abari muri iyo myiyerekano, mu gihe abo na bo baguma babihakana.
Icegera c'umukuru w'igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo, Jean-Marc Kabunda, yasavye abo banyeshure gusubira muhira, kuko ngo iyo ntambara ntibaraba.
Yagize ati:"Mwebwe ntimuri abantu bo ngaha, mwategerezwa kuba muri kw'ishure , ko rero atari yo muri, mutegerezwa gutaha muhira".