Kanye West yahinduye icese izina ryiwe yiyita Ye

Umuririmvyi yari azwi nka Kanye West kuva ubu agiye kwitwa icese izina rigufi rya Ye.

Umucamanza wo muri Los Angeles yemereye uwo muhinga wa rap guhindura izina, nk'uko vyemejwe n'uwujejwe kumenyesha amakuru muri Sentare nkuru ya Los Angeles.

Uwo rurangiranwa w'imyaka 44 yari yabisavye mu kwezi kw'umunani avuga ko ari "ku mvo ziwe bwite".

Uwo mu rapper, azwi ku ndirimbo nka Gold Digger na Stronger, yari asanzwe amaze gukoresha Ye nk'iritazirano hanyuma mu 2018 arikoresha nk'umutwe w'urukurikirane rw'indirimbo. Iyo album imaze igihe isohotse, yanditse kuri twitter ati: "N'ubwo nzwi mu buryo bwemewe nka Kanye West. Ndi YE."

Ubu rero yabitangaje icese izina yari asanganywe - Kanye Omari West - ntirikiriho.

Mu gihe kuri twitter yari asanzwe yitwa Ye, kuri Instagram no ku rubuga rwiwe (website) hari hagikoreshwa izina ryiwe gushika ku wa kabiri.

N'ubwo ari impfunyapfunyo ya Kanye, iryo zina yihaye rifise n'ico risigura mu bijanye n'idini kuri ico camamare.

Mu 2018 yavugiye mu kiganiro yahaye umuremesha-biganiro vya radio, Big Boy, ati: "Nibaza ko Ye ariryo jambo rikoreshwa cane muri Bibiriya, kandi muri Bibiriya risigura wewe. N'ukuvuga ndi wewe, ndi twebwe, ni twebwe."

"Rivuye kuri Kanye, risigura we wenyene, rija kuri Ye ryerekana uko tuba tumeze, neza, nabi, tuzazaniwe, ivyo uko turi vyose."

Ye yasohoye album yiwe ya vuba Donda mu kwezi kwa munani irimwo indirimbo 27 zimara amasaha abiri.

Mu nyuma yaciye avuga ko abasanzwe basohora indirimbo ziwe, Universal Music Group, basohoye atabahaye uruhusha album yiwe igira 10 yari irindiriwe umwanya munini cane.

Abandi baririmvyi nka Prince, Snoop Dogg na Sean Love Comb nabo baragiye barahindura amazina yabo, bamwe mbere kenshi.

Ye yaravuzwe cane mu binyamakuru muri uyu mwaka igihe yavana n'umugore wiwe bari bamaranye imyaka indwi, Kim Kardashian.

Uwo mugabo n'uwo mugore bafitaniye abana bane, bari mu bantu babaye ivyamamare cane kw'isi. Ubukwe bwabo bwabaye bumwe mu bw'abantu b'ivyamamare kw'isi bwakurikiranywe cane muri iyi myaka irenga mirongo iheze.

Iyo nkuru yakurikiye umugambi wa Ye utagenze neza wo kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu wa Amerika mu 2020.