Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kim Kardashian 'yituye ubutungane ngo yahukane na Kanye West'
Kim Kardashian yituye ubutungane kugira yahukane n'umuyamuziki Kanye West asanzwe aririmba mu mudiho wa rap, nk'uko bitangazwa n'ibinyamakuru vya Amerika.
Aba bantu bari bamaze hafi imyaka indwi bubakanye bakaba bavyaranye abana bane.
Iyi nkuru yatangajwe n'ikinyamakuru gikorera ku mbuga ngurukanabumenyi TMZ gisanzwe gitangaza amakuru ku bihangange, inyuma y'amezi atari make hari ibihuha bivuga ko aba bantu batoba babanye neza.
Amakuru ava mu binyamakuru vya Amerika avuga ko uyu mukenyezi rurangiranwa w'imyaka 40 yasavye ko we na Kanye West bompi bemererwa kurera abana. Nta n'umwe aragira ico ashikirije.
Aba bantu bari mu bantu bazwi cane kw'isi kandi bose bagiye bagira amahirwe mu bikorwa vyabo.
Kim yatanguye kumenyekana mu 2007 nk'igihangange mu rukurikirane rw'ibiganiro yakoze kuri tereviziyo E! Television ku bijanye n'umuryango wiwe. Urukurikirane rw'ibiganiro rwiswe Keeping up with the Kardashians rwarabaye rurangiranwa kuva ico gihe, igice kigira 21 kikaba citeze kwerekanwa mu mwaka uza.
Iki gihangange mu biganiro bica ku mboneshakure yaronse amahirwe yo gushika kure mu bisata bitandukanye, ikinyamakuru Forbes kikaba kibona ko yoba afise ubutunzi buharurwa muri miriyoni 780 z'amadorari y'abanyamerika.
Ku ruhande rwiwe, nk'umuntu azwi cane mu miziki yakunzwe cane kw'isi nka Gold Digger, Kanye West ni umwe mu bihangange mu muziki wo mu mudiho wa rap kuva imyaka 15 yose. Arazwi cane kandi no mu mideri.
Baramaze imyaka itari mike bamenyanye imbere y'uko babana, West akaba yagiye kuboneka mu kiganiro ca Kim ku muryango wiwe mu 2010.
Bavyaranye umukobwa w'imfura wabo, North, mu kwa gatandatu 2013.
Mu mpera z'uwo mwaka, West yateguye ibirori bikomeye cane vyo kumusaba ko barongorana, vyabereye ku kibuga c'umurwi San Francisco Giants wa baseball yari yakotesheje imbere y'umuryango wa Kim n'amakamera, aho mbere yari yakodesheje umurwi w'abacuraranzi.
Ubugeni bwabo babugiriye mu Butaliyano mu kwa gatanu 2014, ifoto yaberekanye basomana ku musi w'ubugeni ikaba ari yo yakunzwe cane ku rugero rutari bwigere rubaho ico gihe ku rubuga rwa Instagram.
Umwaka wakurikiye Kardashian yavyaye umuhungu wabo wa mbere, Saint West, mu mwaka wakurikiye. Bongeye bavyara abandi bana babiri, Chicago na Psalm, babicishije ku wundi mugore (surrogate/mère de substitution) inyuma y'aho Kim agiriye ibibazo atewe n'imbanyi z'imbere y'aho.
Kuva ico gihe, ntibasubiriye kuvugwa cane mu binyamakuru, cane cane igihe Kardashian yibiwe n'abantu bari bitwaje inkoho i Paris mu 2016.
Mu mwaka uheze, West yaragerageje kurondera kwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu wa Amerika, ariko biranka. Mu gihe c'imyiyamamazo yiwe, uyu mu raperi yarashikiriza amajambo adatumbereye neza imbere y'abantu no ku mbuga ntangamakuru, ivyateye impungenge abantu batari bake biba ngombwa ko Kardashian agira ico avuze.
Ico gihe, yavuze ko umugabo wiwe yari afise ikibazo co mu mutwe, ko yari "umuntu w'incabwenge ariko agoye", asaba abantu n'ibinyamakuru kumwumvira impuhwe kubera ivyo bibazo vyo mu mutwe.
Ibihuha bivuga ko aba bantu bashaka kwahukana bimaze amezi atari make bizunguruka mu gihe bivugwa ko Kardashian yamaze no kurondera umushingwamanza azwi cane Laura Wasser.
Mu kwa mbere, ikinyamakuru Page Six gitanga amakuru ajanye n'ubuzima bw'ibihangange cavuze ko urubanza rwari rwimirije, kikavuga ko West yari yimariye ikiringo cose c'imisi mikuru mw'iyororero ryiwe riri ahitwa Wyoming muri reta ya California aho uwo muryango usanzwe ukomoka.