Papa Francis: Gatolika yakoze amakosa mu "gucinyiza imico y'abandi"

Umwungere wa Elkeziya Gatolika, Papa Francis, yavuze ko iryo shengero ryakoze amakosa mu gushimikira ku muco umwe gusa, rimwe na rimwe hakanakoreshwa inguvu mu gushika ku mugambi waryo

Papa yavuze yuko ivyo vyahombeje Ishengero ubutunzi butandukanye bwo mu mico n'imigenzo myinshi.

Yavuze yuko inyigisho z'ishengero zerekanye yuko hakwiye kwubahirizwa "inkomoko y'umuco n'akaranga vya buri muntu."

Ivyo Papa Francis yabivugiye mu mubonano rusangi uba buri wa gatati i Vaticano.

Abivuze mu gihe hari umwidogo ku mugabane wa Amerika y'ubumanuko ku vyagizwe igihe Espagne yigarurira ico gice c'isi ikanashira mu bukoroni ba kavukire baho.

Kuwa kabiri umukuru w'igisagara ca Mexico mu gihugu ca Mexique yavuze yuko igishusho c'umugore kavukire kizosubirira ica Christopher Columbus (afatwa nk'uwatoye aho umugabane wa Amerika uri) muri kimwe mu bice bikomeye vy'uwo muji.