Uganda: Nategerezwa gukura impuzu kugira bamenye uwo ndiwe

Uganda yatanze impapuro karangamuntu za mbere zemeza umuntu yahinduye igitsina (transgender).

Ijambo ry'icongereza transgender mu bisanzwe rikoreshwa ku muntu yiyumva ko ari uw'ikindi gitsina kitari ico yavukanye.

Cleopatra Kamburu yahawe pasiporo nshasha hamwe na karangamuntu mu ndwi iheze, bimuranga nk'umuntu w'igitsina gore.

Yabariye ikiganiro Newsday ca BBC ko yizera yuko umunsi umwe bizoshika aho bitaba ibintu vy'igitangaza.

Ngo ariko kuronka izo mpapuro yabibonye nk'ikintu gihambaye mu mateka, bisa n'igihe abagore bemererwa gutora ku nshuro ya mbere.

Yavuze yuko igihe pasiporo yiwe yari ikiriko urudome "M" (Male mu congereza bisigura igitsina gabo) ngo vyarashika kugira yerekane uwo ari we akabwirizwa gukura impuzu ngo asuzumwe ibihimba vy'irondoka.

Aribuka ivyamubayeko igihe kimwe akagira ati: "Uwo muntu yarambajije ati: 'Uri umugabo canke uri umugore?' vyari biteye isoni cane... ntibikenewe ko uraba ibihimba vy'irondoka vy'umuntu kugira umenye uwo ari we.

"Turafise ubuhinga bwa none bwa 'biometric' (ubuhinga buranga umuntu hifashishijwe amakanda y'intoke canke imboni y'ijisho) ku mbibe. Narabajije uwo mukozi w'ibiro vy'abinjira n'abasohoka niba ntokoresha biometric mu kwerekana uwo ndi we.

"Rero sinatahuye igituma nategerezwa gusuzumwa ibihimba vy'irondoka kugira menyekane."