Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya yahagaritse amareresi ku bakundana basangiye igitsina
Ikigo ca Kenya kijejwe kugenzura amareresi kivuga ko ata filime n'imwe yerekeye ubuzima bw'abakundana basangiye igitsina muri ico gihugu irekuriwe kwerekanwa.
Mw'itangazo rY'ico kigo kigenzura amareresi, KFCB, kivuga ko ireresi yitwa 'Am Samuel' itera intege ukubakana kw'abakundana basangiye igitsina, idakurikije amategeko atemera uguhuza ibitsina mubisangiye.
Ico kigo congeyeko ko iyo reresi ari "igitutsi" kw'ibwirizwa shingiro "ryemeza ko umuryango ari wo shimikiro ry'ubumwe mu mibano rikanavuga ko ukwubakana kuba hagati y'abantu babiri badasangiye igitsina".
Umukuru w'ico kigo, Chris Wambua yabwiye abamenyeshamakuru ati:"Ukugerageza kwerekana, gukwiragiza no gutunga ayo mareresi mu gihugu ca Kenya, bitegerezwa kuzohanwa hakurikijwe amategeko."
Iyo reresi ya Peter Murimi yasohotse mu mwaka uheze.
BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga hwaniro
Iyo filime yateguwe mu kiringo kirenga imyaka itanu, yerekana urukundo rwa Sam n'umuhungu bakundana Alex abantu babagwanya banabinuba.
KFCB yafashe ingingo kuri iyo reresi mu gihe yari yasabwe kuvuga aho ihagaze.