Gloria Estefan avuga ko yakorewe ihohoterwa rishingiye ku gitsina afise imyaka icenda

Umuririmvyi Gloria Estefan yanyeguruye ko yahohotewe bishingiye ku gitsina n'umuntu wo mu muryango igihe yari afise imyaka icenda.

Uwo muririmvyi w'amamamuko ya Cuba na Amerika w'imyaka 64 avuga ko yashurashujwe ari kw'ishure ry'umuziki n'umuntu nyina yizera.

Yavuze ko "93% y'abana bahohoterwa bazi kandi baba bizeye ababibakorera. Kandi ivyo ndabizi kuko nari umwe muri abo."

Yavuze kuri iryo hohoterwa ubwa mbere mu kiganiro co kuri Facebook Watch ari kumwe n'umukobwa wiwe akuze n'umukobwa w'uwo bavukana.

Clare Crawley azwi mu biganiro vyo kuri television nawe nyene yagaragaye mu kiganiro Red Table Talk: The Estefans, nawe avuga ingene yashurashujwe n'umupatiri.

Madame Crawley yavuze ko yashurashujwe "n'umujenama'' igihe yiga kw'ishure rya Katolika.

Madame Estefan yamubwiye ati: "Nashaka kuvuga iki kibazo kuko birakenewe cane ko cokwirindwa. Kandi sinashaka kwicara ngaha ataco mvuze nawe uriko uratubwira ivyagushikiye kandi mu butwari".

Madame Estafan yaririmvye indirimbo zizwi cane nka Conga na Rythm is Gonna Get You, yavugiye muri ico kiganiro ko incuti itari iya hafi yafatiye ku kwizerwa nyina yari ayifitiye kugira imushurashuze.

Umukobwa w'uwo bavukana, Lili, w'imyaka 54 yaciye yishura uwo muririmvyi ati: "Waindiriye uwu mwanya igihe kirekire".

Yavuze ati: "Yari incuti, ariko atari iya hafi. Yari afise ububasha kuko mama yari yanshize mw'ishure ryiwe ry'umuziki aca atangura kumubwira buno nyene ingene nari mfise impano nyinshi n'uko nari nkeneye kwitabwaho bidasanzwe, nca ntangura kwumva ingene yari amahirwe kubona anyitaho gutyo."

Madame Estafan , yavukiye muri Cuba hanyuma akimukira Miami n'umuryango wiwe akiri umwana w'igitambambuga, yavuze ko iryo hohoterwa ryatanguye "buke buke hanyuma birihuta".

'Igihe kibangamye'

Uwo muririmvyi amaze gutwara agashimwe ka Grammy Award gatatu yavuze ko yabona ko ari "mu gihe "kibangamye" ariko atashobora kwishitura uwo mugabo.

"Naramubwiye, 'Ibi ntibibaho, ntushubora gukora ibintu nk'ibi.' Nawe agaca avuga: 'So ari muri Vietnam, nyoko ari wenyene kandi nzoca ndamwica hamwe womubwira."

"Nari inzi ko uwo mugabo ari igipfu nico gituma nibaza ko vy'ukuri yashobora kugirira nabi mama."

Yavuze ko ayo maganya yatumye atakaza ibice vy'umushatsi , ariko araruha arabwira nyina ivyariko biraba.

N'ubwo nyima yabibwiye igiporisi, yagiriwe inama yo kudashingisha urubanza kuko yari "kurushirizaho guhahamurwa no kuja guhagarara imbere ya sentare kuvuga ivyamushikiye".