Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Somalia: indwi baguye mu gitero c'umwiyahuzi hafi y'ikirimba c'umukuru w'igihugu i Mogadishu
Imodoka yarimwo ikibombe yaraturikiye hafi y'ikirimba c'umukuru w'igihugu ku mugwa mukuru wa Somalia, Mogadishu, ejo ku wa gatandatu ihitana abantu n'imiburiburi indwi.
Umukuru w'igipolisi mu karere Mucawiye Ahmed Mudey yabwiye abanyamakuru ko abantu bababa umunani nabo bakomeretse.
Mw'itangazo rito wasohoye, umuhari w'intagondwa ziyitirira idini rya Islam Al-Shabab uremanga iki gitero.
Ni igitero cakozwe ku rukurikirane rw'imodoka (convoi) zatera zija ku kirimba c'umukuru w'igihugu mu gihe zari zihagaze kuri bariyeri.
Umwe mu babibonye yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko ico kibombe caturikijwe mu gihe umupolisi yari ahagaritse umudereva kugira ngo asake imodoka.
Mohamed Hassan yabwiye AFP ati: "Mu bisanzwe bategerezwa kubanza guhagarika imodoka kugira bazisake imbere y'uko zirengana iyi bariyeri. Iyi modoka rero yaraharitswe n'abajejwe umutekano ica iraturika mu gihe hari imodoka zindi zitari nke n'abantu bagenda n'amaguru bariko baca mu rindi barabara hafi y'aha. Nabonye batwara abantu bakomeretse n'abapfuye".
Abari hafi y'aho vyabereye babwiye BBC ko imodoka indwi n'udutukutuku dutatu vyasambuwe.
Iki kibombe gituritse haciye amasaha make umwiyahuzi yiturikirije hafi y'ibiro bikuru vya gisirikare ku mugwa mukuru, akaba ata muntu yahasize ubuzima canke ngo akomereke.
Abatari bake baranegura abanyaporitike ba Somalia ku bijanye n'uwu mutekano ubandanya uhungabana, bakavuga ko batwawe n'amatora yatevye hamwe n'impari zabaye ndanse hagati y'umukuru w'igihugu n'umushikiranganji wa mbere.
Al-Shabab, ijambo risigura Urwaruka mu rurimi rw'icarabu, ni umuhari w'intagondwa wiyitirira idini rya Islam, umaze imyaka irenga cumi urwanya igisirikare ca reta ifashwe mu mugongo n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Izi ntagondwa nizo zagenzura umugwa mukuru Mogadishu gushika 2011 igihe zirukanwa n'ingabo z'ubumwe bw'ibihugu vya Afrika, ariko zikaba zikigenzura uturere tutari duke hagati mu gihugu zinakora ibitero mu bibanza vya reta no ku ba sivire i Mogadishu n'ahandi.
Uyu muhari ushira imbere ivyiyumviro vy'umurwi w'aba Wahhabi barangwa muri Arabia Saoudite mu gihe Abasomalia hafi bose ari aba Sufi. Mu turere ugenzura, washizeho itegeko rya Sharia, bimwe mu vyo rivuga hakaba harimwo kwicisha amabuye umugore yagirijwe kurenga ibigo hamwe no guca ibikonjo vy'abagirijwe ubusuma.
Reta yagiriza uyu muhari ibitero vy'iterabwoba bimwe bimwe vyaguyemwo Abasomalia benshi. Mu mwaka uheze, abahinga bo mw'ishirahamwe Armed Conflict Location and Event Data Project bavuze ko Al-Shabab imaze kugandagura abantu barenga 4000 kuva 2010.